Afghanistan: aba Taliban bamanitse ibiziga mu kugabisha abakora ikibi mu gisagara ca Herat

Ahavuye isanamu, Reuters
Aba Taliban bavuga ko barasanye n'abagabo bagirizwa kunyuruza abantu, bakabica, hanyuma bamanika ibiziga mu bibanza biruriramwo abantu benshi mu gisagara ca Herat.
Iki gikorwa giteye ubwoba co kwerekana ibi bintu kibaye haciye umusi umwe gusa umutegetsi azwi cane mu ba Taliban agabishije ko ibihano ruhasha nko kunyonga canke guca ibihimba vy'umubiri bishobora kugarukanwa mu gihugu.
Umutegetsi w'akarere avuga ko aba bagabo baguye mu ntambara y'amasasu inyuma y'aho bagirijwe gufata umurwizatunga n'umuhungu wiwe.
Ababa muri ako karere bavuga ko ikiziga caciye kimanikwa ku munyororo w'ikimashini gipakurura imizigo (grue/crane) hagati mu gisagara.
Wazir Ahmad Seddiqi adandaza mw'iduka riri muri ico gisagara yabwiye iki kinyamakuru ko ibiziga bine ari vyo vyazanwe muri ico kibanza, kimwe kikamanikwaho, ibindi bitatu bikamanikwa mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi.
Icegera ca buramatari w'intara ya Herat, Maulwai Shair, avuga ko ibi biziga vyamanitswe kugira ngo ntihazogire n'uwundi ahirahira akiyumvira kunyuruza abantu.
Avuga ko aba bagabo bishwe mw'irasana ryabaye inyuma y'aho aba Taliban baronkeye inkuru ko hari umurwizatunga n'umuhungu wiwe bari banyurujwe - bompi bakaba babohowe.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ingene aba bantu bishwe.
Ariko, amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro asa n'ayerekana ibiziga vyuzuye amaraso inyuma mu modoka ya pickup, ifise umuringoti wari uteruye ikiziga c'umugabo.
Iyindi reresi yerekana uwundi mugabo amanitse, ku gikiriza hari ikimenyetso canditseko ngo: "Iki ni co gihano kizohabwa abanyuruza abantu".
Kuva bafashe ubutegetsi muri Afghanistan ku wa 15 z'ukwa munani, aba Taliban bemeye gushinga ubutegetsi bucisha bugufi gusumba ubwa mbere.
Ariko hamaze kuba ibikorwa bitari bike vyo guhohotera kiremwamuntu mu gihugu cose.
Mu myaka ya 1990, ibihano vy'urupfu vyatangirwa ku mugaragaro ku kibuga c'umupira i Kabul, canke mu bibuga bisanzwe vyagutse vy'umusigiti wa Eid Gah.
Mullah Nooruddin Turabi, umutegetsi w'umu Taliban azwi cane ubu arongoye amabohero yabwiye ikinyamakuru AP ko "igihano co guca ibihimba vy'umubiri ari nkenerwa ku mutekano w'igihugu".
Turabi - ubu asanzwe ari ku bihano yafatiwe na ONU kubera ivyaha vyo muri kahise - yongerako ati: "Bose baradutera ivyatsi kuri ibi bihano vyatangirwa mu bibuga, ariko twebwe nta na kimwe twigeze tuvuga ku mategeko yabo n'ibihano vyabo".











