Afghanistan: Aba Taliban bagiye kugarukana ibihano vyo kunyonga no guca ibihimba vy'umubiri

Ahavuye isanamu, EPA
Uwahoze arongoye igipolisi c'idini azwi cane mu ba Taliban atangaza ko muri Afghanistan hagiye kugarukanwa ibihano ruhasha nko kunyonga no guca ibihimba vy'umubiri muri ico gihugu.
Mullah Nooruddin Turabi, ubu arongoye amabohero yabwiye ikinyamakuru AP ko "igihano co guca ibihimba vy'umubiri ari nkenerwa ku mutekano w'igihugu".
Avuga ko ibi bihano bishobota kutazotangirwa ku mugaragaro nk'uko vyari bimeze ku butegetsi bwa mbere bw'aba Taliban mu myaka ya 1990.
Ariko ariyamiriza uburakari bwatewe n'ibihano vyabo vyo kunyonga muri kahise: "Nta n'umwe azotubwiriza ingene amategeko yacu ategerezwa kumera".
Kuva bashitse ku butegetsi muri Afghanistan ku wa 15 z'ukwa munani, aba Taliban bagumye bemerera abantu ko bazoshinga ubutegetsi bworoshe gusumba ubwa mbere.
Ariko hamaze kuba ibikorwa bitari bike vyo guhohotera kiremwamuntu mu gihugu cose.
Ku wa kane, ishirahamwe Human Rights Watch ryagabishije ko aba Taliban muri Herat bariko "barahiga buhongo abagore bakomeye, babuza abagore kuva mu mihana, banabategeka kwitwikira umubiri wose".
Ni inyuma y'aho mu kwa munani ishirahamwe Amnesty International ritangarije ko aba Taliban ari bo bishe abantu icenda bo mu nkehwa z'aba Hazara.
Ico gihe, umunyamabanga mukuru wa Amnesty Agnès Callamard yavuze ko "ubwo bwicanyi bw'agahomerabunwa bwibutsa kahise kabi k'aba Taliban, hamwe n'isura mbi y'ubutegetsi bw'aba Taliban bushobora kugarukana".

Ahavuye isanamu, Reuters
Imisi mike imbere y'uko aba Taliban bafata Kabul, umucamanza w'umu Taliban mu karere ka Balkh, Haji Badruddin, yabwiye umunyamakuru wa BBC Secunder Kermani ko yari ashigikiye ishirwa mu ngiro ry'itegeko ruhasha rya Islam.
Badruddin ati: "Biratomoye muri Sharia, kuri abo bose bakora imibonano mpuzabitsina batarubaka, yaba umukobwa canke umuhungu, igihano ni ibikomo ijana akubitirwa ku mugaragaro".
"Ariko iyo ari uwubatse afashwe arenga ibigo, uyo ategerewa kwicishwa amabuye...nayo ku wufashwe ari kwiba, naho nyene biratomoye, ategerezwa gucibwa ibikonjo".
Ibi vyiyumviro ni vyo biri mu mitwe y'abanya Afghanistan bagendera ku vyiyumviro bikaze vya kera.
Hagati aho, uyu muhari uriko urihweza ikiruta ikindi hagati yo kugendera kuri ibi vyiyumviro vya kera no kuraba ukuntu bokorana n'amakungu - arico gituma kuva bashitse ku butegetsi aba Taliban bagerageza kwerekana ishusho y'ubwitonzi.
Turabi, azwi cane mu gutanga ibihano vy'ubugome ku bantu bafashwe bariko bumviriza imiziki itari iyo guhayagiza Imana canke bamoye ubwanwa mu myaka ya 1990, yabwiye AP ko, n'aho ibi bihano ruhasha bizobandanya, uyu muhari ushobora kuzokwemerera abanyagihugu gutunga amateleviziyo, amaterefone ngendanwa no kuraba amareresi.
Turabi - ubu asanzwe ari ku bihano yafatiwe na ONU kubera ivyaha vyo muri kahise - avuga ko ubu inama nshikiranganji y'aba Taliban iriko irihweza nimba ibihano bikwiye gutangirwa ku mugaragaro, kandi ko bazoshiraho amategeko abigenga.
Mu myaka ya 1990, ibihano vy'urupfu vyatangirwa ku mugaragaro ku kibuga c'umupira i Kabul, canke mu bibuga bisanzwe vyagutse vy'umusigiti wa Eid Gah.
Ico gihe, Turabi yari umushikiranganji w'ubutungane akaba yari arongoye igisata kijejwe gukwiragiza imico myiza no kurwanya ingeso mbi - ari co gipolisi c'idini c'aba Taliban.
Muri iki kiganiro yavuze ati: "Bose baradutera ivyatsi kuri ibi bihano vyatangirwa mu bibuga, ariko twebwe nta na kimwe twigeze tuvuga ku mategeko yabo n'ibihano vyabo".
Mu ntango z'ino ndwi, aba Taliban barasavye ijambo mw'ikoraniro ry'ishirahamwe ONU ririko ribera i New york.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubudagi Heiko Maas avuga ko n'aho ari ngombwa kuvugana n'aba Taliban, "ikoraniro rya ONU siho bikwiye kubera".
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisanzwe ziri mu murwi ujejwe kwakira abantu, ivuga ko idashobora gufata ingingo imbere y'uko ikoraniro rirangira mu ndwi iza.











