Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: abatazokwitaba rusansuma bizoba bisa nuko batari mu gihugu – Ndayishimiye
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye atera akamo Abarundi kwitabira rusansuma nkuru y'abenegihugu, uburaro, uburimyi n'ubworozi yimirije, akagabisha ako atawohirahira ngo ayirengagize kuko ashobora gufafatwa nk'uwutari mu gihugu.
Yugurura icese iyi rusansuma itegekanijwe kuzoba mu mwaka uza wa 2022, hari ejo ku wa gatanu i Bujumbura, Perezida Ndayishimiye yavuze ati: "Mwese mumenye ko abatazokwitaba rusansuma bizoba bisa nuko batari mu gihugu".
Iyi rusansuma izoba igize kane inyuma y'izindi ziheruka zabaye mu 1979, 1990 na 2008.
Mw'iri jambo yaraye ashikirije, Perezida Ndayishimiye arahumuriza abafise ubwoba kuri rusansuma bivanye n'ivyo igihugu caciyemwo.
Ati: "Abarundi iyo bumvise Rusansuma, bama bagira ubwoba kuko bibaza ico igamije, ivyo bikava kuri kahise igihugu caciyemwo".
Kubw'iwe, iyi rusansuma ija mu bikorwa vyo kurwanya ubukene mu gihugu, ari co gituma abona ko uwutoyitabira yoba ariko aratoba.
Ati: "Nkuko turi ku rugamba rwo kugwanya ubukene, nkaba ndi kizigenza muri urwo rugamba, nagira ndababwire ko hagize uwuzosiba azoba adutobeye kuko intwazangabo itazi ukuri kw'ivyo agwanya, yikangurira gutsindwa".
Ahamagarira abanyagihugu kuzokwisunga ibizovamwo kugira ngo bahindure ingendo hanyuma "bikubite agashi, baterere mu gushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kuvyara ku rugero".
Ati: "Nta wutabizi, agataka k'Uburundi ni gato kandi ntikaguka; tuvavanure rero na ya ngeso mbi ngo 'Ndavyara, Reta izorera'".
Mu gihe ibiharuro bigenda bitangwa n'amashirahamwe mpuzamakungu atari make bishira Uburundi mu bihugu vya nyuma kw'isi bikenye cane kurusha ibindi, Perezida Ndayishimiye abona ko iyi rusansuma izofasha "kumenya neza ikibanza c'Uburundi mu bijanye n'ubutunzi cane cane mu burimyi n'ubworozi, ugufungura neza no kubaho kwiza kw'abenegihugu".
"Ivyo nivyo bishobora kwerekana neza ingene umwenegihugu abayeho haba mu mikoro canke mu buzima".
Iyi rusansuma igiye gutunganywa mu mwaka wa 2022 mu gihe yari itegekanijwe mu 2018. ikazotwara imiriyaridi hafi 49 z'amafaranga y'amarundi.