Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Evariste Ndayishimiye: Abarundi bamukeneyeko iki?
Imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi guheze, Abarundi batandukanye bishuye ku kibazo bababajijwe na BBC Gahuzamiryango kuri Facebook ivyo bipfuza ku mukuru w'u Burundi bazotora.
Uyu munsi uwo batoye Evariste Ndayishimiye ararahira gutangura amabanga imbere yabo i Gitega guhera saa tano z'umurango.
Bimwe bimwe mu vyo bamwipfuzaho harimwo; Kureka kwibona mu moko, kurwanya ubushomeri mu rwaruka, kunagura imigenderanire n'amakungu, kugira icegera c'umukuru w'igihugu w'Umutwa...
Alexis Nizigiyimana
1) nipfuza ko afuta za mandats d'arrêt international zashirwako aba imboneza muri société civile, n'iz'amaradiyo, be n'abanyepolitique bahunze.
Abatahukane, baze, bakore ivyo bahora bakora, ama société civile yafuswe ayasubizeho na za msd yafuse zisubireho.
2) nipfuza uwuzogwiza amasôko ntanganguvu.
3) nipfuza uwuzishika asubiramwo amabarabara kuko yose yamaze gusaza.
Claude Niyonkuru
Ndifuza umurongozi azotwarira Bose adakumira ubwoko canke intara akunda igihugu n'abene gihugu yitwararika ineza yaba rundi twese atunganiriza bose bamwituye ata warya wangura.
Umurongozi azorangura imigambiyiwe vyukuri atari mumajambo nkuko tubimenyereye. Imana imujimbere umurongozi agiye kutuyobora
Egide Niyonzima
President wese yojaho icoyoherako nukunagura imigenderanire namakungu.
Kubwanje mbona aricokintu cihutirwa kugirango turonke iteramber mugihugu kuko tukiri banyamwigendako uku ntagashoboka.
Turakeney aba actionaires bazanimitahe gutyo Ubu chomeur bugabanuke kuko Uburundi ntitwikwije nkuko bamwebamwe babivuga.ikindi harakenewe kurwanya ihohoterwa ryabantu bazira ivyiyumviro vyabo,tuje hamwe mubutandukane bwivyiyumviro vyacu twubakigihugu.
Augustin King Samuel Ntahondi
Abantu mwese mwipfuza imigenderanire nabakoroni, ntaho mutaniye nabagandaguye Rwagasore, Ndadaye na Lnt Gnl Adolphe Nshimirimana.
Aho nti mwojinjibuka mukavibuzimu mukaj'Ibuntu? Abakoroni ko tutari kumwe muriya myaka itanu iheze, nti twabayeho? Nti dutunganije amatora 2 fois atabakoroni? Vibuzimu muj ibuntu abarundi turikwije dufise ibikwiye kandi turya dukaravye.
Ukaba wipfuz imigenderanire nabo ba Menja batwiciy abantu genda iyo bari ujane numuryango wawe wose ubane nabo. Igiti kigukora mujisho rimwe nti kigukora mujisho kabiri. Abakoroni baragatemba bitembane.
Urya mugesera Luis Michel niwe muriko muravuga? Urya aragatembana nibihweba vyiwe ba Margaritte Barankitse naba Pacifique Nininahazwe. Abakoroni barameje kuburundi ntabo tugikeneye barakambar indosho kuminwa.
Meme Antonio
1.Kurekura abafungiwe politique na bafungiwe ubusa.
2)Kwubaka isoko nkuru yo kumurwa mukuru w,ubutunzi.
3.Kwubaka no kwugurura ama radio zahuye n,isanganya be na ma société civil kugarura diplomatie yo hanze y,igihugu kworohereza aba nyamitahe guhimiriza impunzi gutaha kubushake bwazo.
4.Gushiraho ubutungahe butunganiriza bose. etc.........
Hakizimana Léopold
Ndipfuza ko yogerageza kunagura imigenderanire y'u Burundi n'ibihugu yatosekaye, kworohereza abanyamitahe bashobora gushinga amahinguriro kugira abantu cane cane urwaruka ruronke akazi nakare ngo"Si on est inoccupé,le satan t'occupe",kugerageza ko hokwama icuka ciza mugihugu,...
Louis Niyongabo
Yoba président #atandukznya inyungu zigihugu n'izumugambwe avamwo ,ibindi Abarundi tuzovyikorera !
Iza-mix Lavezzi
1)Kunganisha abantu kurugero rwivyo bahuriyemwo hatabayemwo nkunzi.
2Kurema icizero mubantu kumugambi wiw wubwenge bwiwe karemano uzotuma abanyagihugu bawuhurumbira bakisanga mwiterambere. Kwigisha abantu kuva mukutamenya kwokwama bizeye uburaro nuburamuko kumishahara
3)Gukarihiriza ubwenge abanyeshure bakamenyako ubuzima budatangura aruko barangije amashure,ahubwo kubwubumenyi bafise bakaba boshobora nokubera imboneza zubuzima kubenegihugu.
Athanase Vuguziga
Ico ni fuza umukuru w'igihukgu mushasha yo kora nugukuraho ubukene mu miryango na gashomere kurwaruka abicishije mugushigikira amashirahamwe yiyemeje kurwanya ubukene na gashomere akugurura imigenderanire y'uburundi nayandi makungu agahungura impunzi aga fungura aba fungiwe ivya politique.
Ngoga Innocent
1.Gushyira imbere uburundi bakareka iby'ivangura moko bakareba ubushobozi bw'umuntu kuruta ubwoko
2.Kwigira ku bateye imbere baturanye. Kureka ishyari,kubana neza n'amahanga
3.Kureka amasengesho yo gusabira isi ibyago ayo ni satani wenyine uyasenga
Eliezer Havyarimana
•Kugabanya amakori namatagisi
• Guha lndero urwaruka ruri mu migambwe
• Gutsimbataza imigenderanire nihondi bihugu hatibagiwe urwanda
Levis Nsabiyaremye
Dukeneye umu president abona aho Uburundi burwaye akahakosora duhereye kwishira no kwizana guteza imbere abarundi n'uburundi.
Korohereza abanyamitahe kwirwiza ubuzi mugihugu guteza imbere uburumyi nubworozi Kurwiza umuyagankuba nokuvugurura ukungene ivunjwa ryamafranga yuburundi winjire mumabanke ugasanga atandukanye namaburo de change
Frank Iradukunda Fafa
1 Nipfuza ko yogaruka diplome apana certifica
2 Akubaka isoko nkuru y'igihugu
3 Akubaka amabarabara amavuriro hamw no kub sebarundi akareka kuba president wumugambwe
Buky Didi Divido DeDeclau
1.Uwojaho wese azoreb agira ijambo ryihumure abwire abantu bafatiwe ama parcell kure ya presidence
2.Ahimiriz abatanga ubuzi kureka kuza bararinda gusaba expérience urumve hoguma haronke abari basanzw babufise
3.Amahoro kuri twese
Lion Fernand
1Dushaka ko aza gukuraho amacakubiri mu Burundi ntaguha akazi bamwe abandi bakabura
2 Dukeneye ugutora ibiziga mu nzuzi aze abihagarike iguhu bakigize itongo ryabo
Mbega kuberiki gitwagwa nakarwi kabantu bari kurushi? ivyo bintu turabirambiwe
Nibigira Gerardo
OK ndipfuza KO batoba bampema yuzuye boha akazi abagashoboye ntibavugengo bica mumugambwe cane ngo rifimba ururirimbo rwu mugabwe ukamengo nurwigihugu
Serges Empereur
Ndababazwa kubona abantu bafatwa nk'ababisha (abakenyezi batunga imiryango bakubitwa imigere nk'ibisuma izuba riva muri centre ville kuko batembereza imboga canke ivyamwa).
Mbega hari umuntu yokwihangana kubona bahohotera nyina canke incuti gutyo?
Ariella Ndayishimiye
Umurongozi ataraba agatumba atabunyonyezi ashigikira knd akunda abarundi bose adakumiriye
Anagurura imbibe muyandi makungu imigenderanire ikaba mwiza
Azonatange akazi ubushomeri bukagabanuka
Nibigira Gerardo
Ntibabe nka bampema yuzuye usaba akazi bakakubwira ngo bica mu mugambwe barabe ubumenyi ntibavuge ngo ririmba indirimbo yumugambwe ukamengo niyigihugu!!!!!!!!!!
Fabrice Fils Aîné Munezero
Jewe ndabivuga muri make cane.
Yoba umu président ashika akugurura imbibe tugashora tukongera tukarangura hanze nk'uko vyahoze corona ntizamaho iheze dukwiy kwidegemvya amakori y'umurengera kuvyimburwa no kubidandazwa akatuvako.
Bakaboko bose bagafatwa atankunzi ugihug kikarangwamwo urukundo
Maniratunga Jean Marie
Nifuzako azoba nka Nkurunziza Pierre,mugutwara,kurinda nukwiyemera kugira abakoroni batuvinyuma, hama twibandanirize mwiterembere mumutekano ntangere.
Renovat Ciza Kayoya
Iterambere rusangi:imiyagankuba,amabarabara,etc
Icakabiri:gukomeza imigenderanire nibindi bihugu bikunzi vyuBURUNDI atari ibikeba.
Olivier Nahimana
1:Ndipfuza ko yofata ingingo ijanye no kugiranira imigenderanire myiza namakungu tutibagiye nibihugu bibanyi
2:Guca igiturire munzego zose nakamwana wamama
3.Kworohereza abanyamitahe kugirango urwaruka ruronswe akazi biciye mukurwiza amahinguriro.
Nisengwe Fabrice Fafa Ing
Kugabany ubukene buri mugihugu nubushomeri mu rwaruka,
Kuvavanura ningeso mbi yo kunyonora amatungo yigihugu
Kurwanya ingeso yo kurya igiturire mu Burundi
Muhimpundu Jeanne-d'Arc
Nipfuzako uwotigwa yiteza imbere igisata c'uburimyi n'ubworozi kuko arico kibeshejeho abarundi benshi,
Kugwanya akarenganyo,uwukoze amakosa akayahanigwa bataravye ico akora
Manimbona Tony
1)Nugutwarira bose atarobanuye aba nabariye
2)Nuko yohindura igihugu mukugiteza imbere
Ndikuriyo Gilbert
Kugurura amabarabara hagati yimigenderanire nibindi bihugu
Kurekura abapfungwa ataco bagirizwa,
Kubakisha amabarabara
Nsabiyimbona Al Lia Dol
Azodusanurire amabarabara yo mugisagara ca Bujumbura hamwe no kutwubakira isoko nkuru yabujumbura yahiye.
Nogukomeza amahoro n'umutekano twaronse turushe.
No gucrea ubuzi kuba chômeurs.
Pachel Bigirimana
Ndipfuza koyorekura abafunzwe bose bazira imvo za politique,
Ndipfuza ko yokora ukwashoboye agatuma abanyepolitiques bahunze bataha.
Amasezerano y'i Arusha akongera kuyaha agaciro.
Aduze imyaka abasirikare nabapolices batobato bakukurukirako.
Salomon Bahati
Kugwiza ubuzi kugwaruka, umuyaga nkuba ukagwizwa, amabarabara agasanugwa,
Bagahindura amafaranga bakayaha agaciro inoti isumba izindi 1,000fbu,
Intara zikagabanywa,
Abashingamateka bakagabanwa,
Uburimyi nubworozi bwakijambere,
Imigenderanire namakungu ikanagugwa,
Abene Burundi bose bagataha,
OBR igakuraho ama tagisi kubifungugwa biva hanze
Ãmîr Řîčhbôÿ
1- Adusubiriremwo amabarabara yo mumugwa makuru wa politique
2- Yubake isoko nkuru ya Bujumbura
3- Agwanye amasesagura amatungo ya leta nabarya ibiturire abahashe kubera igihugu kirimwo ibiturire gutera imbere ni umuziro, murakoze
Viator Mugenzi
Nosaba ko yokwitaho uburimyi ,
Ugusubiza agaciro ifaranga ryuburundi ,
Kwiyaho indero mukorohereza abahejeje amashure batarose amanota abemerera kuja kuri kaminuza mukubaha formation nkiyimyaka 2 ubundi bakaronswa utupapuro rwimpamyabushobozi ya kaminuza.
Nadandris Niyomungre
Nifuza amahoro n'ubutungane nivyo Mbona vyatosekaye mu Burundi, kuko ibindi vyose biza ivyo mugihe bihari.
Ata mahoro n'ubutungane,ntarindi terambere rishoboka.
Uwuzoza avuga ko aje gushira mungiro ivyo bintu bibiri nzomutora
Gasigwa Cissé Lambert
Jye sindi umurundi gusa numva yaba ari umuntu uzi ibya diplomacy kuburyo yagira uruhare mu kuzahura umubano w'u Rwanda n'Uburundi kuko bimaze kugera ahantu hatari heza kabisa!
Emma Hasta Nzeyimana
Kurekura infungwa zose za politike,
Kunagura Imigenderanire n'amakungu,
Guha ubwigenge itangaza makuru ribashe kumenyekanisha ibidandazwa nogukora aho abanyagihugu bababara batarenze umurongo wo gutyoza inzego
Kwubaka isoko nkuru y'abujumbura
Kwubaka vyihuta amabarabara kugira abanyamitahe biyunguruze atankomanzi no gushiraho amategeko aborohereza,
Guhagarika kwubaka amazu uko umuntu avyishakiye.
Niyungeko Salva
1.Kugabanya ubushomeri nico gikuru munda harara inzara bwaca hakaza urwanko.
2.Guteza imbere ivyubutunzi kuko abeshi bahiganwa kurondera ibiti atari kubera gukunda igihugu kuko beshi baja kurondera amafaranga kubera ibukene
3. Haca hiyongerako umutekano kuri bose.
Belchimas Misago
Gusubiza akanovera igisata c'indero amashure y'indero yagasubizwaho
Ica kabiri kworosha amategeko agenga urudandazwa umudandaza aho gukora ahomba nyabuna agakora yunguka.
Nusaiba Kankindi
Nifuza ko yoduhuza abarundi Bose tukamenya ko turi bamwe atavy'ubwoko,atavy'intara atabiriya nabiriya twaremwe n'Imana imwe turi bamwe twese tungana imbere y'amategeko
John-Clinton Nsengiyumva
Kimwe nosaba nuko umu Vice Président canke umu Premier Ministre yoba uwo mu bwoko bw' Abatwa.
Muraya matora dufise abakandika 7 bipfuza kuba Président wu Burundi ariko abahutu ni 6, umututsi 1, abatwa 0 co kimwe n'abagore 0.
Bisa nkuko turi muri Men-Supremacy kandi iyo ntikenewe muri kino kinjana.
Desire Rugo
Uwuzogira amahirwe yo gutorwa aze ashira hamwe abarundi atange akarorero keza munzira yo kurekuriranira no gukira ibikomere vya kahise,
Abarundi bo mubwoko butandukanye dukire kwama twagirizanya amabi twakoreraniye muri kahise ahubwo tubone ko twese twabuze, ko n uwundi yabuze hama tumaze gukira ivyo bikomere tukunga ubumwe bw intamenwa tuje kubikorwa.
Ntakibuza u Burundi buzotera imbere
Alexis Akexis
Nuko yonagura imigenderanire namakungu
Akorohereza abagwizatunga
Hama abarundi bose bakamenyako mu Burundi hariko harimbwa ubutare kandi buzana amahera yagaciro
Dani Bidiga Niyokwizera
Icambere;Guha amahoro umwene gihugu ukwari kose
kabiri; Kugwiza ubuzi
3; Kwugurura amaradio yapfunzwe
4; Guteza imbere igihugu
Eddy Dufitimana
1.Gushyira hamwe Abarundi nta by'amoko uturere imyizerere(religion),... bityo bikamworohera kubaka umutekano ubukungu ubutabera imiyoborere n'imibereho myiza yabanyagihugu bitajegajega
2.Kuzahura imigenderanire imikoranire n'ibihugu, itangazamakuru, imiryango mpuzamakungu 3.Kwitanga mu guhesha umugisha u Burundi n'akarere burimwo muri Africa no kwisi nzima!
Safari Imani Vedaste
Njyewe icyambere nifuza kuzatorwa nuko yabanifa abarundi bose bakanwana nabyo kuryana bibona mu moko woshye ari abaturage bibihugu bitari uburundi.
Icya 2: Nuko yazahura umubano n'ibihugu bituranyi cyane cyane DRC n,u Rwanda. Icya
3 : Kwambura intwaro n'ububasha imbonera kure kuko zihungabanya umutekano n'uburenganzira bwa muntu.
Murakoze
Havyarimana Gregoire Muganga
Yoba umupresident afata abantu kumwe muri rusangi kuko twese twaremwe n'Imana
Yoba umuntu ashira ubutungane imbere
Yoba uwumvikana namakungu kuburyo u Burundi bugira irimigenderanire myiza namakungu bukaba nyabagendwa nkibindi bihugu
Yoba ukunda ibikogwa bitezimbere ubuzi abantu bakava mubushomeri amaze gutogwa yo caba uwuzuriza bose uwo yobari nyawe
Saidi Twagirayezu
Icambere nuko yokorera abenegihugu baba abamutoye nabatamutoye
Agashirimbere ineza ya bosea batagize amahirwe ngobatorwe nabo bakemera ivyavuye mumatora bagahabwa ikibanza muntwaro kugirango bagerageze gushira mungiro yamigambi bari bashizimbere biyamamaza.
Ariko nkubu uzobona aba bose batazotorwa bazoca burira indege bigire hanze aho kugumana n'abenegihugu