Rwanda - Uganda: Paul Kagame na Yoweri Museveni baracatanako umwikomo

Imigenderanire hagati y'Urwanda n'igihugu kibanyi ca Uganda isa n'iyikiri kure gusubira ku murongo kuko abategetsi b'ibi bihugu vyompi bitana ba mwana ku migenderanire icumbagira hagati ya vyo.

Perezida Museveni wewe abona ko itosekara ry'imigenderanire hagati y'ibi bihugu bibanyi iva ku ruhande rw'Urwanda, kandi ko n'utwigoro two kubumvikanisha twahagarariwe na Angola ata co twashitseko kubera Urwanda.

Mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru wa televiziyo France 24, Perezida Museveni avuga ati: "Genda ubaze uwugaye urubibe, si jewe narwugaye. Twaragiriraniye ibiganiro, haciye igihe, duhagarikiwe na Angola, haraciye imyaka mike, sindabona imbibe zuguruwe".

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ku wa Mungu, Perezida Paul Kagame yagirije Uganda ko iha impigi abashaka guhungabanya Urwanda.

Ati: "Hagiye habaho abantu baba muri Uganda, cangwa banyura muri Uganda, cangwa bafashwa na Uganda kugirira nabi Urwanda".

Umunyamakuru yabwiye umukuru wa Uganda ko Perezida Kagame abona Museveni nk'uwigira ko ari we mukuru w'akarere, agashaka gutoteza abandi bategetsi, Museveni avyamirira kure.

Ati: "Ntoteza gute? N'ibiki nkora mu gutoteza? Yategerezwa kukubwira ingene dutoteza abandi".

Perezida Kagame abona ko hari ibikorwa vy'akarere bihagarariwe na Uganda bifise intumbero yo gukumira Urwanda, aho agatanga akarorero k'ibarabara ritegekanijwe kwubakwa rigahuza Uburundi na Uganda riciye muri Tanzania.

Ati: "Uza wumva ngo hari imihanda ibangikanye na Tanzania ikaja i Burundi, ubu ico iba igamijwe ni ukugira ngo Urwanda rwo baruce iruhande.

"Ni vyinshi cane, bisa n'ibitagabanuka, bisa nk'aho ari umurongo wa poritike uriho, watanzwe, ni ukubireka uko bimeze, tukabirekera ba nyiravyo ngo babikemure".

Hagati aho, Perezida Kagame avuga ko Urwanda ruriko rurakora vyinshi kugira ngo umubano usubire kunaguka hagati yarwo n'Uburundi hamwe na Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, akavuga ko ibibazo hagati y'ibi bihugu bibanyi n'Urwanda "bigenda bikemuka".