Saadi Gaddafi: Umuhungu w'uwahoze atwara Libya yavuye mu munyororo i Tripoli

Umuhungu w'uwahora atwara Libya Muammar Gaddafi yarekuwe ava mw'ibohero yari arimwo kuva mu 2014.

Saadi Gaddafi - yahora ari umukuru w'ingabo zidasanzwe za Libya - yari azwi cane kuba yagerageje umwuga wo gukina umupira w'amaguru mu Butaliyano.

Mu 2003 yari yasinye gukinira Perugia, ariko yabonetse gake cane mu kibuga.

Yahungiye muri Niger igihe se yatembagazwa ku butegetsi hanyuma akicwa mu 2011, ariko mu nyuma arafatwa asubizwa muri Libya aho yejejwe ku vyaha birimwo kwica.

Isoko ryo mu bushikiranganji bw'ubutungane ryabwiye itotororokanirizo ry'amakuru AFP ko ingingo yo kurekura uwo muhungu wa Gaddafi yafashwe hakurikijwe urubanza sentare yaciye haraheze imyaka myinshi.

Bivugwa ko Saadi Gaddafi afise imyaka 47 canke 48.

Irindi soko rivuga ko hari ivyategerezwa kwuzuzwa kugira ngo kurekurwa bishoboke.

Yagirijwe kuba yishe umumenyereza w'umupira w'amaguru w'umunya-Libya Bashir al-Rayani mu 2005, hamwe n'ivyaha ku bantu bari mu myiyerekano igihe ukwiyamiriza ubutegetsi bwa se kwatangura mu 2011.

Ariko mu nyuma basanze ata caha kimwagira. Imbere y'uko aja muri Perugia, yarakiniye imigwi itandukanye muri Libya, akanakinira umugwi w'igihugu.

Ubu bivugwa ko yafashe indege aja muri Turkiya.

Mw'itangazo, reta ya Libya y'ubumwe bw'igihugu yavuze ko yizigiye ko irekurwa ryiwe rizofasha gukomeza ugusubiza hamwe mu gihugu.

Kuva mu 2011, igihugu kirangwa n'intanbara hamwe n'akajagari.