Mozambique n'akamaramaza ka 'tuna bond' : Umuhungu w'uwahoze ari prezida Guebuza mu rubanza

Abajejwe umutekano bari barakizura hafi y'amato yo kuroba ya EMATUM i Maputo, Mozambique, 03/05/2016

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Rimwe muri ayo madeni yari ayo gushinga ihinguriro r'amafi ya tuna (ton) muri Mozambique
    • Umwanditsi, Na Vivienne Nunis
    • Igikorwa, BBC News

Umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Mozambique n'abandi bantu 18 bagiye imbere ya sentare mu rubanza rw'amafaranga arenga miriyaridi zibiri z'ama dorari (ni hafi miriyaridi 4000 mu mafaranga y'Uburundi) mu kamaramaza kiswe "tuna bonds".

Ndambi Guebuza, umuhugu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu Armando Guebuza, hamwe n'abo bandi bahanganye n'ivyaha birimwo kunyuruza amafaranga no kuronka amafaranga y'inkomoko mbi.

Ntaco baravuga kuri ivyo vyaha bagirizwa.

Ako kamaramaza k'ibiturire ka mbere gakomeye muri kahise ka Mozambique, katumye abasanzwe bafasha Mozambiwue harimwo n'ikigega mpuzamakungu FMI/IMF bahagarika imfashanyo zabo ubutunzi nabwo buca buratenbagara.

Urwo rubanza ruriko rurabera mw'ihema rinini ryubatswe muri rimwe mu mabohero yugaye cane ku nkengera z'umugwa mukuru, Maputo.

Ahasanzwe haburanishirizwa imanza vyagaragaye ko ari hato ku bashingwamanza mirongo, amasura/ivyabona canke abatangabuhamwa 70 hamwe n'abamenyeshamakuru 250 bahawe uruhusha rwo gukurikira urwo rubanza.

Mu ntahe ya mbere y'icese, umucamanza yavuze ko abagirizwa bose betegerezwa kuza imbere ya sentare bambaye umwambaro w'ibohero.

N'ubwo Guebuza atakiri ku butegetsi, umugambwe wiwe Frelimo uracari ku butegetsi usanzweko kuva mu 1975.

Ako kamaramaza kashitse gute?

Hagati ya 2013-2014, ama kompanyi ariho yari agishingwa mu gihugu yafashe ideni rya miryaridi 2,2 z'ama dorari, amenshi muri ayo akaba atigeze emenywa canke yemezwa n'inama nshingamateka.

Abasuzuma ingene amafaranga akoreshwa batoye ko miriyoni 500 z'ama dorari zabura.

Reta ya Mozambique niyo yari yabaye ingwati y'ayo madeni, bivuga ko igihugu cari kuyariha ibintu biramutse bigenze nabi.

Ayo mafaranga bivugwa ko yakoreshejwe mu kugura ihinguriro ry'amafi yo mu bwoko bwa tuna n'ubwato bwo gufasha gucungera umutekano wo mu mazi, hamwe rero no gushira uburyo mu yandi makompanyi aho reta ariyo yaba ifise umutahe munini.

Mu 2016 reta yahavuye ikaba iryo deni n'impapuro zo kugwatiriza zasohowe. Mu nyuma yahavuye yemenga iryo deni ryose n'ingaruka zaryo, bica biteza akaga k'ubutunzi muri Mozambique.

Ifaranga ry'igihugu ryaciye ritakaza ica gatatu c'agaciro karyo, ibiciro biraduga ku rugero rw'umurengera, abafasha Mozambique nabo barakuramwo akarenge.

Richard Messick, afise urubuga yandikako rwitwa Global Anti-Corruption, yabwiye BBC ati: "Itegeko rya Mozambique rivuga ko iyo reta ifashe ideni itegerezwa kubimenyesha inama nshingamateka. Biratomoye cane."

Avuga ko ingaruka z'ayo madeni ari uko "abantu baharugwa muri za miriyoni baciye baja mu bukene" hanyuma ukwiyongera kw'ubutunzi kuratakaza miriyaridi nyinshi z'ama dorari".

Ayo madeni yari yatanzwe na Credit Suisse hamwe n'ibanki yo mu Burusiya VTB, ahabwa kompanyi zitatu zo muri Mozambique: Proindicus, Ematum (Mozambique Tuna Company) na MAM (Mozambique Asset Management).

Abantu batatu bahoze ari abakozi ba Credit Suisse baremeye icaha ku birego vya reta zunze ubumwe za Amerika vyo kuronka amafaranga y'inkomoko mbi ajanye n'ako kamaramaza.

Mozambique yaritwariye Credit Suisse muri sentare yo mu Bwongereza isba ko amwe muri ayo madeni yofutwa hamwe n'indishi.

Credit Suisse nayo yashingishije urubanza mu Bwongereza nyene rwo kuburizamwo urwa Mozambique kandi ikaba yari isanzwe yavuze ko ivyo abahoze ari abakozi bayo bagize babikoze banki atavyo izi.

Abandi bagirizwa ni bande?

Mu bandi bagirizwa harimwo Gregorio Leao, umukuru w'urwego rw'iperereza mu gihe c'ubutegetsi bwa Guebuza, na Antonio do Rosario, ariwe yagizwe umukuru w'ayo ma kompanyi uko yari atatu.

Umwe mu bantu bakomeye batitavye urubanza n'uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta Manuel Chang. Apfungiwe muri Afrika y'Epfo kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2018, biturutse ku mutahe wo kumufata watanzwe n'abategetsi muri Amerika , ku vyaha vyo gufatanya mu gukora ubusuma buciye ku buhinga bwo gutumatumanako, gutanga amakuru atari yo ajanye n'imitahe hanwe no kuronka amafaranga y'inkomoko mbi.

Arindiriye ingingo ya reta ya Afrika y'Epfo yo kurungikwa muri Mozambique canke muri Amerika.

Arahakana kuba yarakoze icaha.