Burundi - Umutekano: Nyuma y'ibitero biheruka CNL ivuga ko abayo bariko barahigwa

Umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, CNL, wasohoye itangazo aho uvuga yuko abanywanyi bawo bariko barafatwa mu buryo butumvikana nyuma y'ibitero biheruka i Muramvya n'Imwaro.

Umugwi w'abantu utaramenyekana waragavye ibitero mu kwezi guheze n'ukwabanjirije mu ntara za Muramva na Mwaro, ibitero vyatumbereje imodoka z'abanyagihugu hasiga agatwe abantu batari bake.

Haciye hakurikira amatohoza, abajejwe umutekano mu Burundi bamenyesha ko hari n'abafashwe mu bijanye n'ivyo bitero.

Muri iryo tanzangazo, CLN ivuga yuko itewe impungenge n'uko abafatwa bisa nk'uko bahorwa umugambwe barimwo kandi mu baza kubafata hakaba harimwo n'abanyagihugu basanzwe.

Uwo mugambwe uvuga yuko abanywanyi bawo bashika 27 aribo bamaze gufatwa ku bw'izo mvo.

Umuvugizi wa CNL, Manirambona Therence, yabwiye BBC Gahuzamiryango yuko ata nkeka ko afatwa bahorwa umugambwe barimwo.

Yagize ati: "Nk'ibi vyabaye mu Rutegama, ubushikiranganji bujejwe umutekano bwatubwiye yuko inkozi z'ikibi zategereye imodoka isaha zibiri z'ijoro. Ariko inyuma y'isaha imwe abanywanyi umunani b'umugambwe CNL bari bamaze gufatwa.

"Umuntu agaca yiyumvira, ko ata bantu batubwiye ko bafatiwe aho hantu [...] urwo rugero rwo kunyaruka kw'amatohoza rwaraduteye amakenga [...]. Biduteye amakenga kuko tubona y'uko umengo ni uruhigi bariko baradukorako."

Bwana Manirambona yabandanije avuga yuko hari igihe baza bagafata umuryango wose, umugabo, umugore n'umwana w'imyaka itatu, akibaza ico babaza umwana angana gutyo mu matohoza.

Yongeyeko yuko itangazo CNL yasohoye ryari rigamije kandi gutera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye inzirakarengane, ngo kuko mu biciwe muri ivyo bitero harimwo n'abanywanyi b'umugambwe CNL.

BBC Gahuzamiryango iracagerageza kumenya ico abajejwe umutekano bavuga kuri ibi vyashikirijwe na CNL.

Si ubwa mbere umugambwe CNL uvuga ko abanywanyi bawo bafatwa ku mvo za politike, mu mwaka uheze mu gihe c'ukwiyamamaza hakaba harafashwe abanywanyi benshi b'uwo mugambwe.

Abajejwe umutekano ico gihe bavuze ko abafatwa bose haba hari ico bagirizwa ngo ntibahorwa umugambwe uyu canke uriya.