Ethiopia: Inyeshamba za Tigray ziti 'emera ubutegetsi bwacu canke tubandanya intambara'

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyeshamba z'intara ya Tigray muri Ethiopia zivuga ko ubutegetsi bwazo butegerezwa kubanza kwemerwa imbere y'uko zemera guhagarika intambara.
Mu bindi vyinshi zisaba, zivuga kandi ko ingabo za Eritrea zitegerezwa kubanza kuva mu gihugu.
Ubutegetsi bwa Addis Abeba buherutse gutangaza ko buhagaritse intambara ku ruhande rwabwo, inyuma y'aho izi nyeshamba zifatiye igice kinini c'iyi ntara, ingabo z'igihugu nazo zikayanyaga.
Iyi ntambara imaze amezi umunani hagati y'izi nyeshamba n'ingabo za reta imaze guhitana ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu.
Ishirahamwe ONU rimenyesha ko abarenga imiriyoni zibiri bataye izabo, nayo abantu 400.000 bakaba bahanzwe na kigoyi gishobora gutera abarenga imiriyoni 1.8.
Inyeshamba z'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) zabanje kuvuga ko ivyo guhagarika intambara vyatangajwe na reta ya Ethiopia ari "ukujajura" zica ziyemeza kwirukana "abansi" bazo muri iyo ntara.
Muri bo harimwo ingabo za Eritrea hamwe n'ingabo za Ethiopia ziva mu ntara ya Amhara iri mu bumanuko bwa Tigray.
Ariko basohoye urutonde rw'ibindi vyinshi bisabwa kugira ngo bemere guhagarika intambara, harimwo gukora amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara bivugwa, gutanga imfashanyo z'ubutabazi hamwe no gusanura ibintu shingiro vyo mu buzima bwa misi yose, harimwo umuyagankuba.
Ejo ku wa Mungu, "reta ya Tigray" yasohoye itangazo rivuga riti: "Mu gihe tuzoba twijejwe neza ko umutekano w'abanyagihugu utazohungabanywa n'igitero ca kabiri, twemeye guhagarika intambara".
Umunyamakuru wa BBC World Service Africa Will Ross avuga ko mu gihe reta ya Addis Ababa yoramuka yemeye ibi bisabwa n'inyeshamba ko ubutegetsi bwazo bubanza kwemerwa, yoba yerekanye neza ko yatsinzwe intambara kandi ko yananiwe no kwikurako umwansi wayo.
Avuga ko amakungu abandanya atera akamo ko intambara zihagarara kugira ngo imiriyoni z'abantu basinzikajwe n'intambara bashobore kuronswa imfashanyo, ariko ko bisabwa ko impande zompi zibanza kwumvikana neza kugira ngo amahoro agaruke.
Iyi ntambara yatanguye ku wa 04 z'ukwa cumi na rimwe umwaka uheze, igihe umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed agomorera ingabo za reta ku ngabo z'intara ya Tigray.
Ico gihe yatangaje ko yafashe iyo ngingo inyuma y'igitero cakozwe ku kirindiro c'igisirikare ca reta muri iyo ntara.
Ibintu vyagiye kuyangara haciye amezi atari make hari icuka kibi hagati ya reta ya Abiy n'abategetsi ba TPLF.
Inyuma y'intsinzi zitari nke cagiye kigira harimwo ugufata umugwa mukuru wa Tigray Mekelle, ibintu vyagiye biba nabi ku gisirikare ca Ethiopia gifashwe mu mugongo n'ingabo za Eritrea n'iz'intara ya Amhara mu ntambara n'inyeshamba za TPLF .

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu ndwi iheze, ingabo za Tigray zasubiye kwigarurira umugwa mukuru Mekelle.
Impande zompi muri iyo ntambara ziragirizwa ko zagandaguye abantu zinahonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu. Ku wa gatanu, ingabo ziharurwa mu bihumbi za Ethiopia zafashwe mpiri zarazungurukanywe mu mabarabara ya Mekelle.
Gushika ubu, reta ya Abiy i Addis Abeba yaranse kuganira n'abategetsi ba TPLF, mbere akaba yavuze ko uwu ari umuhari w'iterabwoba.

Ico womenya kuri Tigray
- Ethiopia igabumwemwo intara cumi zishingiye ku moko kandi zifatwa ko zifise ubwigenge butari buke, ariko zikagendera ku nzego nkuru z'igihugu
- Mu 2018, inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamiriza reta, Abiy Ahmed yarafashe ubutegetsi aca atanguza impinduka
- Abanyaporitike bakomeye bo muri Tigray, intara yo mu buraruko bwa Ethiopia, bagirije Abiy ko ariko yongereza inguvu z'ubutegetsi bukuru.
- Imigenderanire yabandanije itosekara hanyuma, inyuma y'aho reta yagirije inyeshamba za Tigray ko zateye ibirindiro vya reta, ingabo za Ethiopia zararungitswe muri iyo ntara mu kwa cumi na rimwe.
- Mu mpera z'ukwa cumi na rimwe, umushikiranganji wa mbere Abiy yatangaje ko intambara zarangiye, ariko zarabandanije mbere ziriyongera mu gihe igihugu cagenda cegereza amatora yabaye ku wa 21 z'ukwa gatandatu.













