Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tokyo 2020: Gushika ku 10.000 bazokwemererwa kwinjira ahabera inkino za Olympic
Abayapani bashika ibihumbi cumi bazokwemererwa kwinjira ahazoba hariko harabera inkino za Olympic , n'ubwo abajejwe amagara bo bari bagabishije.
Abifuza kurorera izo nkino bava mu mahanga bo baja baramaze kwankirwa, ariko abategura izo nkino bavuga ko abari mu gihugu bo bashobora kuzirorera gusa ntibarenge 50% y'abo ikibanza gisanzwe cakira.
Abagiye kurorera ntibazokwemererwa gusemerera canke kuvuga cane , kandi bategerezwa kwambara udufukamunwa igihe cose bazoba bari muri ivyo bibanza.
Inkino za Olympic zitegekanijwe gutangura ku wa 23 ukwezi kw'indwi mu gihe iza Paralympic (iż'abagendana ubumuga), zizoca zikurikira haheze ukwezi.
Ibitigiri vy'abazoja kurorera inkino z'abagendana ubumuga bizomenyeshwa ku wa 16 ukwezi kw'indwi, nk'uko vyavuzwe n'itangazo rihuriweko n'inzego ziraba izo izo nkino zompi, umugwi utunganya inkino za Tokyo, reta y'igisagara ca Tokyo hamwe na reta y'Ubuyapani. .
Ingingo yo kwemerera abaja kurorera ibaye n'ubwo ku ndwi iheze hasohotse icegeranyo c'abahinga b'abayapani mu buvuzi bavuga ko kugira izo nkino ata barorerezi bahari aribwo buryo bwotera ingorane nke zishoboka kandi aribwo bwiza bwo guhitamwo.
Seiko Hashimoto, umukuru w'umugwi utegura inkino za Tokyo.avuga ati: "Haraba inkino nyinshi.
''Hubahirijwe ingingo kandi hagakurikizwa ivyo reta yisunga, twibaza ko dushobora gutunganya inkino zirimwo abarorerezi.
''Isi yose ihanzwe n'ingorane zimwe kandi dutegerezwa gukora kugira duhangane nazo."
Intumwa z'ibihugu n'abafata mu mugongo inkino bazoshirwa mu murwi w'abazitunganya, gutyo ntibazoharurwa muri abo ibihumbi cumi. Hamwe ibitigiri vy'abandura Covid -19 vyokwiyongera vuba na vuba bikagira ingaruka ku nzego z'ubuvuzi z'Ubuyapani, izo mpande zitanu zizofata izindi ngingo.
Izo zishobora kubamwo gusubira kugabanya igitigiri c'abemerewe kuja kurorera aho inkino zibera,.
Hari ubwoba ko izo nkino zishobora gutuma ibitigiri vy'abandura vyiyongera mu Buyapani.
Kubera ivyo, umushikiranganji wa mbere Yoshihide Suga ku ndwi iheze yahimirije abayapani kurabira izo nkino ku mboneshakure (Television), aho kwishikira aho ziriko zirabera.
Ku wa mungu, amategeko y'ibihe bidasanzwe muri Tokyo yaravanyweho, indwi zitanu imbere y'uko inkino za Olympic zitangura.
Ingingo zidasanzwe zijanye na Covid -19 zari zashinzwe ku murwa mukuru w'Ubuyapani n'izindi ntara zimwe zimwe mu mpera z'ukwezi kwa kane ubwo ibitigiri vy'abandura vyariko biraduga.
Ariko ingingo ''zihakwa kungana n'izo mu bihe bidasanzwe'' zizoguma zikora mu bibanza bimwe bimwe, harimwo Tokyo, gushika itariki 11 z'ukwezi kw'indwi.
Ku wa gatanadatu, umunonotsi w'umunya-Uganda yabaye uwa mbere atowe umugera wa coronavirus ashitse mu Buyapani.