Botswana: Hatowe diamant/diamond ifise kuba igira gatatu kw'isi mu bunini

Ibuye rya diamant/diamond rifatwa ko ari irya gatatu rinini cane kw'isi ritowe ryashizwe ahabona muri Botswana.

Iri buye ripima 1.098 carats (ni ukuvuga igarame 219,6) ryerekanywe na Perezida Mokgweetsi Masisi, inyuma y'indwi zibiri ikigo cimbura diamant Debswana kiritoye.

Iri buye ry'agaciro risumbwa gato cane uburemere n'irindi buye rya diamant rigira kabiri mu bunini kw'isi, naryo nyene ryatowe muri Botswana mu 2015.

Botswana nico gihugu ca mbere muri Afrika cimbura ubutare bwa diamant.

Lynette Armstrong arongoye vy'imfatakibanza ikompanyi Debswana yimbura diamant, avuga ati: "Ubu nibwo butare bwa diamand bwa mbere bunini butowe na Debswana mu myaka irenga 50 imaze ikora".

"Mu mwihwezo wacu w'intangamarara rishobora kuba ari ibuye ry'agaciro rigira gatatu kw'isi mu bunini".

Debswana ni ikompanyi isangiwe na reta hamwe n'ikompanyi mpuzamakungu yimbura diamant De Beers, kandi ibice bigera ku 80% vy'amafaranga ava mu rucuruza rw'ubu butare yinjira mu kigega ca reta biciye mu nyungu, mu makori n'amatagisi.

Umushikiranganji wa Botswana ajejwe ubutare, Lefoko Moagi, avuga ko ubu butare bushobora kuba butowe mu gihe atari co kuri Botswana kubera ikiza karanda ca Covid-19 catumye igiciro ca diamant gikoroka kw'isoko mpuzamakungu mu mwaka uheze.

Ubutare bwa diamant bunini bumaze gutorwa ni ubwiswe Cullinan bwatowe muri Afrika y'Epfo mu 1905 bukaba bupima 3.106 carats (ni ukuvuga igarame 621,2), ubwa kabiri bukaba ari ubwitwa Lesedi La Rona bwatowe muri Botswana mu 2015 bukaba bupima 1.109 carats (ni ukuvuga igarame 221,8).

Iri buye rishasha ryatowe ahitwa Jwaneng hasanzwe himbwa ubutare ntiriraronswa izina.

Umupfasoni Armstrong avuga ko ata ngingo barafata nimba "iri buye ridakunze kuboneka kandi ridasanzwe" rikwiye kugurishwa biciye kw'ikompanyi De Beers canke kuri kompanyi ya reta yimbura diamant, Okavango,