Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Abarongoye Islam bavuga ko ata ngorane ihari hagari ya Islam na reta
Abakuru b'idini rya Islam bavuga ko biyamiriza amajambo yashikirijwe na Ndikumana Rashid, umusilamu aherutse kwifatira mu gahanga umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano.
Mw'itangazo ryasohowe n'ihuriro ry'imisigiti riri kumwe n'ihuriro ry'aba-Imam mu Burundi, bamenyesha ko ivyo Ndikumana yavuze yabivuze ku gatwe kiwe bitega aya mahuriro canke "umuryango w'aba Islam mu Burundi".
Ndikumana arapfunzwe inyuma y'uko yumvikanye ahamagarira umushikiranganji w'intwaro yo hagati n'umutekano, Ndirakobuca Gervais, gusaba ikigongwe, hari mu musigiti wa Madina uri muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura.
Umwe mu bakuru b'idini rya Islam mu Burundi yabwiye BBC ko gushika ubu nta kibabuza gusenga uko bamye basenga na mbere.
Abakuriye Islam mu Burundi mw'itangazo ryabo, bamenyesha abanywanyi babo ko "ata matati ari hagati y'umuryango w'aba Islam mu Burundi" na reta y'igihugu.
Bahagaze he ku vyavuzwe na Ndirakobuca?
Zuberi Mohamed, Umukuru w'inama ya bose mu muryango w'aba Islam mu Burundi, yabwiye BBC ko bakira nk'abandi bose ivyashikirijwe na Ndirakobuca, kuko "vyaraba bose ntivyaraba aba Islam gusa".
Avuga ko ivyo yavuze bitababuza gusenga uko bahora basenga. Ati: "Nta tegeko na rimwe rirasohoka ritubuza gusenga canke ritubuza guhamagarira abantu kuja gusenga.
"Twebwe dufata y'uko yariko ashikiriza amakenga yoba afise canke uko abona ibintu".
Zuberi avuga ko iyo habaye ingorane hagati ya reta no mu muryango w'aba Islam mu Burundi "hariho inzira bicamwo kugira ngo tuvugane, nk'uko biri mu yandi madini".
Abajijwe niba ivyasabwe n'umushikiranganji Ndirakobuca bidashobora guhungabanya umutekano, Rashidi abona ko ata ngorane bishobora gutera.
Ati: "Abatovyi mu mpande zose ntibabuze, ariko twebwe turazi ko aba Islam bahagaze neza, kandi ko ata ngorane zihava ziva muri ivyo gushika kuri uno munota nta kibazo kihari hagati ya reta n'aba Islam mu Burundi".