Umugore wo muri South Africa yavyaye abana 10 i Pretoria - uko inkuru zivuga

Umugore wo muri Afrika y'Epfo bivugwa ko yavyaye abana 10, akaba yoca aba uwa mbere kw'isi avyaye igitigiri nk'ico icarimwe.

Umugabo wa Gosiame Thamara Sithole avuga ko batangaye babonye abana 10 kandi ibipimo vy'iradiyo vyari vyerekanye 8 bonyene.

Teboho Tsotetsi yabwiye ikinyamakuru Pretoria Times ati : "N'abahungu 7 n'abakobwa 3. Ndanzerewe. Ikigumbagumba kiranyishe. Nta vyinshi nshobora kuvuga."

Umwe mu bategetsi aho muri Afrika y'Epfo yemereye BBC ko abo bana bavutse , ariko uwundi yavuze ko bakirindiye kubabona.

Guinness World Record igira urutonde rw'abaciye umuhigo mu nzira zitandukanye yabwiye BBC ko ikiriko iratohoza ivy'uwo mugore Sithole.

Umugore yavyaye abana 8 muri Amrika mu 2009 guishika ubu niwe yari yanditswe muri Guinnes World Record ku bana benshi bavyariwe rimwe bakabaho.

Mu kwezi guheze, umugore w'imyaka 25 Halima Cissé wo muri Mali yavyaye abana 9, gushika ubu bikaba bivugwa ko bameze neza mu bitaro vyo muri Maroc bavukiyemwo.

Akenshi inda z'abana benshi zivamwo kare, nk'uko bivugwa na Rhoda Odhiambo akurkirana ibibazo vy'amagara muri BBC.

Kuvyara abana benshi icarimwe barenga 3 ntibikunze gushika kenshi kandi akenshi bikava ku miti yo gufasha gusama inda - ariko abo bo muri Afrika y'Epfo bavuga ko vyaciye mu buryo busanzwe.

Amasegesho `n'amajoro yo kudasinzira

Madame Sithole, w'imyaka 37, ubwa mbere yavyaye amahasa (impanga) ubu afise imyaka 6.

Bivugwa ko amagara yiwe ameze neza inyuma yo kuvyara abanje gukorwa (cesarean) i Pretoria ku wa mbere ku mugoroba, akaba yari ageze ku nda y'amayinga 29.

Mdame Sithose yari yabwiye ikinyamakuru Pretoria News mu kwezi guheze ko inda yiwe ''yamugoye cane mu ntango" kandi ko yari yasenze kugira azovyare neza, akaba yanamaze amajoro menshi adasinzira afise umwitwarariko w'ivyari bigiye gushika.

Yaguma yibaza ati: "Bazokwigwa mu nda gute? Mbega bazobaho?" ariko abaganga baramwizeza ko igitereko ciwe kiguma caguka.

Igihe vyibazwa ko atwaye inda y'abana 8, Madame Sithole yarababara ku maguru, ico gihe abaganga bakaba bambwiye ko "babiri muri bo bari mu kibanza kitari co".

Ico gihe yabwiye ico kinyamakuru ati :" Iyo ngorane yaratorewe inyishu kandi meze neza kuva ico gihe. Sije nzobona ndavyaye abana banje".

Umugabo wiwe nawe nyene yavuze ko yari anezerewe cane, yumva ameze "nk'uwe mu bo Imana yatoranije. N'igitangaro nshima".