Russia Vs US: aba 'hackers' bakoze ikindi gitero c'imigera ku nyabwonko z'abagiraneza - Microsoft

Microsoft ivuga ko amakonte muravyo (email accounts) ashika 3000 yatewe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Microsoft ivuga ko amakonte muravyo (email accounts) ashika 3000 yatewe

Ikompanyi ihingura inyabwonko Microsoft, ivuga ko habaye ikindi gico c'ibitero vy'abasuma bo ku nyabwonko (hackers) b'abarusiya bakoresha imigera ku nyabwonko z'amashirahamwe yegamiye reta n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu bihugu 24, cane cane muri Reta zunze Ubumwe za amerika.

Microsoft ivuga ko amakonte muravyo (email accounts) ashika 3000 mu mashirahamwe atandukanye arenga 150 ari yo yatewe muri ino ndwi turimwo.

Microsoft yagiriza abakoze vya bitero vyo mu mwaka uheze kuri kompanyi SolarWinds, aho urwego rw'Uburusiya (SVR) rujejwe igendereza rwagirijwe, ko ari rwo rwabikoze.

Uburusiya burahakana ibi bitero vyompi.

Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya) ivuga ko itazi ivy'ibi bitero bishasha, igasaba iyi kompanyi ya Amerika gutanga izindi nsiguro, harimwo ingene yagiriza Uburusiya.

Ibi bitero vyakozwe gute?

Mu nkuru yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi ku wa kane, Microsoft yavuze ko ibi bitero bishasha vyakozwe ku nzego za reta zijejwe imigenderanire n'amakungu mu gikorwa co "kwegeranya c'igendereza".

Ivuga ko n'imiburiburi ica kane c'amashirahamwe yatewe afise uruhara mu bijanye n'ibikorwa mpuzamakungu vy'iterambere, ubutabazi hamwe n'agateka ka zina muntu.

Mu gihe hafi yose ari muri Amerika, aya mashirahamwe yatewe ni ayo mu bihugu n'imiburiburi 24.

Nk'uko Microsoft ibivuga, Nobelium, umurwi ukomoka mu Burusiya, niwo wakoze ibitero vyo muri ino ndwi mu kwinjira muri konte ya email ikoreshwa n'ishirahamwe rya reta ya Amerika rijejwe ugufashanya, USAID.

Abo ba hackers baciye barungika ubutumwa muravyo (emails) busa nk'uko umengo ni ubw'ukuri, ariko bukaba bufise link/lien, uyifyonzeko ica yinjiza umugera mubi wiba amakuru yose ari mu nyabwonko yawe, ukongera ugaca utera imigera mu zindi nyabwonko zose ziri ku murongo umwe na rwawe (network/réseau).

Umuvugizi w'urwego rwa Amerika rujejwe gukingira umutekano w'inyabwonko (Cybersecurity and Infrastructure Security Agency, Cisa) yabwiye ikinyamakuru CBS News ko abategetsi bari bamenye iki gitero kandi ko bariko baragerageza "gutahura neza ingaruka zaco no gufasha abo bose bashobora kuba baratewe".

Microsoft ivuga ko imigera y'ivyo bitero vyose ku bakiriya bayo yazibiwe mu buryo bwikora (Automatiquement). Ntibiramenyekana neza igitigiri c'izoba zarashoboye kwinjirwa n'iyo migera.

Mu mwaka uheze, aba hackers barakoresheje ikompanyi ya Amerika, SolarWinds' Orion, bavogera ibisata vya reta ya Amerika, amakompanyi ategamiye reta hafi 100 hamwe n'amashirahamwe makeya y'Ubwongereza. Vyagiye kurangira abakiriya hafi 18.000 binjije iyi logiciel y'umugera.

Amerika n'Ubwongereza bwagirije ikigo SVR ko ari co cari cakoze iki gitero. Kirahakana ivyo cagirizwa.