US: Inyabwonko z'ibisata vy'ikigegan'ubudandaji vyatewe n'imigera yo ku mbuga ngurukanabumenyi

Amerika ntiratangaza abakoze ubu busuma ku nyabwonko z'ibisata vy'ikigega n'ubudandaji

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amerika ntiratangaza abakoze ubu busuma ku nyabwonko z'ibisata vy'ikigega n'ubudandaji

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasohoye itegeko ridasanzwe inyuma y'aho inyabwonko z'ibisata vy'ikigega n'ubudandaji ziterewe n'imigera yo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Inzego zose za gisivire za reta zategetswe kuva ku rubuga rwa SolarWinds Orion, uburyo bwo gufatanya inyabwonko bwatewe n'iyi migera.

Amerika ntiratangaza abakoze ubu busuma.

Ibi bibaye inyuma y'ikiringo kiri musi y'indwi imwe gusa ikigo FireEye kijejwe gucungera umutekano w'inyabwonko gitangaje ko ubuhinga bwaco bwo gufata ubusuma bukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi bwibwe.

Muri iri tegeko, ikigo kijejwe kurwanya ubusuma bukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi (CISA) kivuga ko ubu busuma bw'ubu bushobora guhungabanya inyabwonko zikoreshwa n'ibisata vya reta.

Ikompanyi SolarWinds, ari nayo yakoze ubu buhinga, yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter ihamagarira abakoresha uburyo bwa Orion kubushira ku gihe (update) vyihuta kugira ngo ntibahave bagira ibibazo.

FireEye yaratangaje ko yashoboye kubona "umugambi mubi" watanguye mu ntango z'uno mwaka wo kwinjirira inyabwonko, zaba izo abikorera utwabo canke iza reta, hakoreshejwe iyi migera muri ubu buhinga.

Iyi kompanyi, ivuga ko mu mbuga zari zigeramiwe harimwo urubuga rwa SolarWinds Orion, ibi bigaha akaryo abakoze ubu busuma gushobora kwinjira mu nyabwonko zatewe kandi bari kure.

Yongerako y'uko vyabonetse neza ko ibi bikorwa ari ivyo ku rwego rwo hejuru kandi bishigikiwe n'amareta kanaka y'ibihugu.

Abantu batatu bari mu batoye ubu busuma babwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Uburusiya ari bwo buzwi ko bwakoze ibi bitero ku nyabwonko za Amerika.

Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Facebook, ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburusiya burahakana ibi bivugwa kuri iki gihugu, bukavuga ko "bidafise ishingiro".