China: Ikirere kibi cahitanye abanonotsi 21 biruka ibirometero vyinshi

Ahavuye isanamu, STR/AFP via Getty Images
Abanonotsi bapfuye inyuma yo kubangamirwa n'ikirere igihe bariko bariruka ibirometero birebire mu buraruko bushira uburengero bw'Ubushinwa.
Imiyaga ikaze n'imvura ivanze n'imbeho yabangamiye abariko bariruka ibirometero 100 mw'ishamba rya Yellow River Stone, ikibanda c'ingenzi kiri mu ntara ya Gansu ku musi wa gatandatu.
Iryo siganwa ryahagaritswe igihe abanonotsi 172 baburirwa irengero, hanyuma ibikorwa vyo gutabara bica biratangura.
Benshi mu banonotsi bivugwa ko bari bakanye cane.
Liang Jing, rurangiranwa mu kwiruka ivyo birometero birebire, hamwe na Huang Guanjun, yabaye uwa mbere mu bagabo bagendana ubumuga bwo kutumva mw'ihiganwa rya Olempike ryo mu Bushinwa mu 2019, bari mu bapfuye, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru ca reta.
Abategetsi bavuga ko abanonotsi 151 vyemezwa ko bakomeye, ariko ko umunani muri bo bakomeretse.

Ahavuye isanamu, STR/AFP via Getty Images
Isiganwa ryari ryatanguye isaha 09:00 yo mu Bushinwa (01:00 GMT) ku musi wa gatandatu, bamwe mu basiganwa bakaba bari bambaye amabutura gusa n'udupira.
Abarokotse bavuga ko ibipimo vyerekana ko haza kuba imvura n'umuyaga, ariko ko bitari kuba bibi cane nk'ivyo babonye.
Inyuma y'amasaha atatu isiganwa ritanguye, igice kimwe co mu misozi c'ahabera iryo siganwa caguyemwo urubura, imvura nyinshi hamwe n'umuyaga vyatumye hakanya cane, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'igisagara kihegereye ca Baiyin city.
Umunonotsi umwe, Mao Shuzhi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko yaciye asubira inyuma abonye ikirere gihindutse.
Umwigeme Mao, yari amaze kugira ibirometero 24 ico gihe, kandi akaba atari bwashikiri iyo misozi, yavuze ati:"Imvura yaguma yongerekana."
Yaciye afata ingingo yokwisubirira mw'ihoteli amaze kwumva akanye cane, ariko abandi babandanije canke bari bamaze gushika ahameze nabi cane.

Ahavuye isanamu, CCTV via Reuters
Bivugwa ko abanonotsi benshi bazimiye kubera ko bitakunda ko babona aho baca.
Abashinzwe gutabara1.200 ni bo barungitswe, bafashijwe n'indege zitagira umudereva nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru ba reta.
Ibikorwa vyarabandanije mw'ijoro gushika ku w'Imana mu gitondo, aho imbeho yongerekanye bituma ibikorwa vyo gutabara bigorana gusumba, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Ubushinwa, Xinhua.
Urwo rupfu rwatumye haba ishavu ryinshi ku mbuga hwaniro zo mu Bushinwa, aho batunga agatoka cane cane abarongoye akarere ka Baiyin, bakaba banashavujwe no kuba hatabaye imyiteguro ikwiye.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu w'Imana, umukuru w'igisagara ca Baiyin, Zhang Xuchen yavuze: Nk'abatunganije ibi birori, ni twebwe twobazwa ivyabaye kandi turababaye. Turahojeje imiryango yabuze ababo n'abakomeretse."










