Burundi: Kugira umunsi w'akaruhuko itariki Pierre Nkurunziza yashengeye vyakiriwe gute?

Perezida Pierre Nkurunziza azibukwa mu buryo butandukanye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Pierre Nkurunziza azokwibukwa mu buryo butandukanye

Abarundi babona ugutandukanye icemezo c'inama nshingamateka y'u Burundi yemeje ko umusi mukuru uhariwe kuzirikana, gukunda no gukundisha igihugu uhuzwa n'umunsi uwari prezida Pierre Nkurunziza yashengeye.

Inama nshingamateka kuwa kane yatoye kuri 76,9% - amajwi 87 avyemera, 26 abihakana - ko buri tariki ya 8 ukwezi kwa gatandatu uzohora uba umunsi w'Imboneza mu kuzirikana, gukunda no gukundisha igihugu. Uwa mbere yatewe iryo teka rwo kuba iyo mboneza ni uwahoze ari umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Uwo munsi uhuriranye n'umunsi uwo yatwaye Uburundi imyaka 15 yashengereyeko mu 2020.

Igihe iryo tegeko ryemezwa mu 2020, uwo munsi wari washizwe mu kwezi kw'indwi, ibirori vyawo bigahagarikikwa n'iyo mboneza nyene.

Ubu rero iyo mboneza itakiriho, umushikiranganji w'ubutungane yasiguriye inama nshingamateka ko vyari ngombwa ko hagira ibihindurwa muri iryo tegeko.

Ibi vyemejwe bitegerezwa guca mu nama nkenguzamateka - aho vyitezwe ko bizoshigikirwa kuko umugambwe uri ku butegetsi uhafise ubwiganze, imbere yo guterwako igikumu n'umukuru w'igihugu.

Ku rubuga rwa Facebook rwa BBC Gahuza, iyo nkuru ni imwe mu zatanzweko ivyiyumviro vyinshi kandi bitandukanye mu zatangajwe muri uku kwezi.

Mu kwezi kwa mbere 2020 iyo nteguro y'ingingo yo guha iteka Pierre Nkurunziza - yari akiri ku butegetsi - yashikanwa mu nama nshingamateka, yateje impari zikomeye.

Abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD barashigikiye cane iyo nteguro, abo ku ruhande rutavuga rumwe nawo barayirwanije.

Inyuma y'ivyemejwe n'inama nshingamateka kuwa kane, ibi ni ivyo bamwe bamwe bavuze ku rubuga rwacu rwa Facebook:

Remy Muheto

Sinibazako abikwiye uravye ibintu yakoze nko gukingira ikibaba umurwi w'imbonerakure,guhimiriza iyicwa ry'abatavuga rumwe na leta yiwe,mukuvuga ngo,bazohera nk'ifu y'imijira.ngo mujeri aba police bazirase......

Bénigne Niyonzima

Ni igiki yakoze karuhariwe gituma ahabwa iryoteka kirenze kuba umukuru w'igihugu? Ndaziko muza kuntera amabuye ariko imbere yuko muyantera munyishure.

Elie Niyonkuru

Bénigne Niyonzima yateje imbere igihugu, akuraho amacakubiri y'intara n'amoko, mbere no mumyaka itanu yanyuma harerekana ko igihugu gishobora kubaho atamfashanyo y'abazungu kironse, kikitegurira amatora atawo hanze abayemwo, ivyo kera wari nk'umugani. Etc amatora atawo hanze abayemwo, ivyo kera wari nk'umugani. Etc

Bénigne Niyonzima

Elie Niyonkuru urakoze kunyishura ariko ivyo umbwiye igihe mperuka i Burundi ntavyo nabonye.

Ntibagirirwa Etienne

Nahora nibaza igituma twagumye mu gacerere mukuterekana ko uwu muntu wacu atari asanzwe . Uburundi kuva bw kabaho bwaribwaronke umukuru w'igihugu nk'uyu ??!! Mais vaut mieux tard que jamais !!

James Muligande

Iryo teka mwarimuhaye kubera yishe abatutsi ,akabacinyiza ,mugabo Imana nayo ntiyemeye ko aribamwo ngo ari vive ari muzima ,kuko atari arkwiye ,iramutwara . Iyo arenga kahise agatunganiriza abarundi bose, yari kuba abikwiye,ku Mana Nta mwana n'ikinono . Ahubwo nimurihe Ndayishimiye niwe numva avuga ubumwe bw'Abarundi .

Chriss John

Naruhuke Amahoro Nyakubahwa ...Tuzokwama tumwibuka tunazirikane iragi ryiwe ryiza ryo gukunda igihugu cacu ...Turamwibuka avuga ati"Ntamunyamahanga azoza akunda igihugu cacu ciza kurusha twebwe Abarundi ".Rest in peace

David Mushapa Yabesi Kereni

Sha uti mugukunda igihugu??? Nubwo mumwita gutyo ntibikuraho ko yapfuye knd abo yishe ubu barikumwe nawe kugitanda kimwe. 2015 yabaye imboneza yo gukunda igihugu kweri?

JeandeDieu Deus Nimubona

Uwu yatubereye intwari, imboneza, umu leader, umuhuza...sinobidonda ngo ndangize.

Yari ntagereranywa

Issa Wasaf

Kimwe Imana ntanzigo,muribuka2010,aba FNL batawe muri Rusizi?2015,abatutsi n'abahutu bishwe?sha imana,ica iziroranye ntihengama,himbazemwebwe muzi icoyabakoreye,jewe n'intuntu !!!!!!!!!,mwobaye abandi mukazomufasha,gusamba kumana ariko arabazwa,ivya2010,hamw na 2015 hamwe na2020 mwishomwisho.

Claver Nzohayimana Sinarinzi

Ndabashimiye muvyubahiro vyanyu kuciyiyumviro ciza mwagize nakare barayamaze bati lmana yirigwa i Rwanda igataha i Burundi none iryavuzwe riratashe bona bomushira mugitabu cakahise akana kanje kakazosoma inkuru y'uyomuhizi.

Sibomana Adrien

Nivyo nivyo kugira turushirizeho kumenya ivyamuranze n'ugukunda igihugu gusumba kandi bigafasha n'abariko barakura ubu kumumenya nk'intwari y'Uburundi nk'uko tuzi vyinshi kuncungu ya democratie n'iya indépendance.

Iamnawaar Iamnawaar Iamnawaar

Ntamu perezida u Burundi bwagize w'intwari nka Petero Nkurunziza urebye ibihe yanyuzemo byose akihagararaho mpaka ageze ku ntego ye amahanga agasakuza ariko akabereka ko n'abirabura bafite ijambo ku bihugu bavukamo ko abazungu batagomba kudutegeka ibyo bashatse byose

Gabriel Ndimurigo

Ahubwo iyo bashiraho umusi wo kumusenga,ivyovyo birasanzwe.imboneza umuntu yamaze abantu?kubwanje ntiyokwiswe imboneza yagize impfuvyi n'abapfakazi benshi,nabo yahekuye sibake.

Dismas Nibaruta Cissoko

Bizatuma n'abazovuka bamenya ko higeze kubaho umugabo w'abagabo mu Burundi.Intwari ihashitse maze aze y'inspirer benshi mubazokwaruka.

Remy Muheto

Sinibazako abikwiye uravye ibintu yakoze nko gukingira ikibaba umurwi wimbonerakure,guhimiriza iyicwa ryabatavuga rumwe na leta yiwe,mukuvuga ngo,bazohera nk'ifu y'imijira.ngo mujeri aba police bazirase......

West Joy Mil Kevin

Cane gose ntanumwe atobishima kuko yarakoze birashimwa n'intwari ibushitse kuko yitanze uko bishoboka kwose kugira Uburundi bugire aho bugeze uyu munsi , yatwaye atwarira bose, Imana ibandanye imuha igitsibo c'abahizi ahari iruhande yayo.#thank-You #Nkurunzuza