Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu mafoto: Ubwoba n'ikigandaro mu gihe intambara ya Israel-Gaza itema itongora
Intambara hagati ya Israel n'abagwanyi b'abanye Palestine nta kimenyetso na kimwe yerekana co gucureha kandi amakenga y'igitigiri c'abasivile bagwa muri yo aguma yongerekana.
Amafoto ateye ubwoba y'abantu bababariye muri iyo ntambara muri iyi misi mike iheze, mu gihe ibitero vyo mu kirere na rokete vyasize amazu n'ibindi abantu batunze ari ubunywenywe, bituma abantu bata izabo.
Israel ivuga ko ibitero vyayo vy'indege kuri Gaza vyatumbereye abagwanyi b'abanye Palestina ariko imihora y'amatara n'amabarabara makuru makuru vyarononekaye.
Kuri iyo foto iri hejuru, umugabo w'umunye Palestina yubitse umutwe hasi mu bisigarira vy'inzu yiwe yasambuwe bivuye ku bitero vya Israel vyo ku musi w'Imana.
Bamwe mu bo mu muryango wiwe bari musi y'ivyo bisigarira vy'inzu.
Uwo musi wapfuyemwo abantu benshi muri Gaza kuva hadutse iyo ntambara imaze imisi irenga 10.
Ibitero vy'indege vyagizwe mw'ibarabara ricamwo abantu benshi inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro, bisenyura amagorofa menshi binahitana abantu barenga mirongo ibiri.
Inyuma y'ivyo bitero, Mohammad Abu Rayya, umuganga w'abana yagize ati: "Dukeneye n'imiburiburi imyaka 10 kugira dusubire twubake ivyononywe mu karere ka Gaza."
Amaziko yarabaye mu karere kose. Uwo mupfasoni ari kw'ifoto y'aho hejuru ariko araririra umuryango wiwe wapfiriye mu bitero vyo mu gisagara ca Gaza.
Hagati aho Hamas, igenzura akarere ka Gaza, hamwe n'iyindi migwi y'abagwanyi b'abanye Palestina, barabandanije gutera ibisasu vya rokete mu bumanuko bwa Israel.
Amazu n'amagorofa vyarononywe, abanye-Israel imiliyoni n'imiliyoni barahungiye mu bibanza bitamenwa canke bata izabo iyo havuze amafirimbi yo kugabisha.
Uyu mukobwa akiri muto ari ngaho hejuru yafotowe mu kibanza co kwinyegezamwo bombe mu gisagara ca Ashkelon, cagizweko ibitero vyinshi vya rokete.
Aha Victoria Tapalashvili aboneka ariko aragenzura ivyononekaye mu nzu yiwe mu gisagara kiri mu bumanuko bwa Israel ca Ashdod kubera ibitero.
Umugabo w'abana batatu, Eitan Singer, yabwiye BBC: "Ntivyoroshe - nka buri mu goroba, duca dukura abana mu gitanda tugaca twiruka kwinyegeza."
"Dufise amasegunda 30 gushika ku 60 yo gushika aho twinyegeza."
Iyi foto yerekana ibindi bintu vyononekariye mu nzu iri Ashdod.
Ubuhinga bwa Iron Dome bwo kwikingira roketi bivugwa ko bumaze gukorora ibice 90% vy'ibisasu vya rokete vyatewe ku butaka bwa Israel.
Rokete zagumye ziterwa ziva mu gihugu ca Libani mu buraruko bwa Israel.
Intambara iriko arakwiragira mu karere ka Cisjordanie (West Bank) kigaruriwe na Israel , aho ingabo z'ico gihugu zatanye mu mitwe n'abanye Palestina mu mpera z'indwi iheze.
Aba banye Palestina bariko bararabira mw'idirisha mu gihe ababuze umuntu bari batwaye ikiziga ku maziko mu karere ka Cisjordanie ku musi w'Imana.
Uyu mugabo, Riyad Eshkuntana, yakuwe mu bihomoke vy'inzu ari kumwe n'umukobwa wiwe w'imyaka itandatu, Suzy muri Gaza.
Yari amaze amasaha menshi musi y'ibihomoke vy'inzu yabo, aca ahurira na se wiwe mu bitaro binini cane vy'i Gaza.
Inkuru zitangwa na Reuters zivuga ko Eshkuntana amaze kubonana n'umukobwa wiwe yamubwiye ati: "Mbabarira kibondo. Wampamagaye ngo ndagutabare ariko sinabishobora."
Iyi foto yerekana umuryango wa Abu Dayer mu bitaro vya Al-Shifa i Gaza, inyuma y'umwanya muto babiri bo muri uwo muryango bishwe.
Uyu mupfasoni ariko araraba ivyononekaye mu nzu yiwe i Ashkelon mu gihe intambara ikibandanya.
Iyo ntamabara ibandanya irateye amakenga amakungu.
Abategetsi n'amashirahamwe atanga imfashanyo yarateye akamo ko hofatwa ingingo zo kwirinda impfu z'abanyagihugu n'ibikorwa bibi bijanye n'isamburwa ry'amazu n'izindi nyubakwa.
Kw'ifoto iri aho hejuru, umugabo ariko araririra umukobwa w'imyaka 12 Rahaf al-Dayer yishwe muri Gaza.
Musi naho, umuryango n'abagenzi b'umusirikare wa Israel bariko bararira ku maziko.
Iyi ntambara iteye mu ndwi igira kabiri, nta kimenyetso ko igiye kurangira. Ibitero vy'indege n'amarokete birabandanya.
Amerika hamwe n'ibindi bihugu bikomeye kw'isi vyaragaragaje ko bishigikiye ihagarikwa ry'intambara - ariko bisa n'ibitagiye gukurikizwa.
Aya mofoto yose tuyafitiye uburenganzira bwo kuyakoresha