Israel - Gaza: Igitero c'indege cakozwe ku nzu y'umukuru wa Hamas

Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibombe ku nzu y'uwurongoye umuhari w'Abanyapalestina Hamas mu rukurikirane rw'ibitero vy'indege vyakozwe mu karere ka Gaza.

Cashize ahabona ireresi yerekana ikibombe caturitse kivugwa ko catewe ku nzu ya Yahya Sinwar arongoye uyo murwi muri ako karere.

Ibitero vy'indege za Israel vyo mu gaturuturu ko kuri uyu wa Mungu muri Gaza vyahitanye abantu n'imiburiburi 26, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Kuri uwu mutaga wo ku wa Mungu, abarwanyi ba Gaza bateye amarokete muri Israel.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yiyemeje "kubandanya yishura n'inguvu nyinshi" ibi bitero vya rokete, mu gihe amakungu abandanya asaba ko imishamirani ihagarara.

Kuri uyu wa Mungu, vyitezwe ko Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi iza gukorana mu masaha ari imbere.

Ejo ku wa gatandatu, umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yavuganye kuri terefone na Netanyahu hamwe n'umukuru w'Abanyapalestina Mahmoud Abbas aho yababwiye impungennge afise kuri iyi mishamirano.

Kuva iyi ntambara yanduka ku wa mbere w'iyi ndwi, abantu n'imiburiburi 181 baramaze kwicwa muri Gaza, harimwo abana 52 n'abagore 31, abandi 1225 bakomeretse, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu butwarwa na Hamas. Israel yoyo ivuga ko abarwanyi baharurwa muri mirongo bari mu bapfuye.

Abategetsi ba Israel bavuga ko abantu cumi, harimwo n'abana babiri, bishwe mu bitero vy'abarwanyi b'Abanyapalestina muri Israel.

Iyi mishamirano imaze indwi yadutse inyuma y'indwi zitari nke zaranzwe n'icuka kibi hagati y'abanya Israel n'abanya Palestina mu buseruko bwa Jerusalem, cagiye kuvamwo imishamirano yabereye ku kibanza ceranda cibashwe cane n'aba Islam hamwe n'Abayahudi.

Hamas - umuhari w'abarwanyi b'Abanyapalestina urongoye akarere ka Gaza - waciye utangura gutera ibirokete muri Israel, ubanje kugabisha iki gihugu ko cova muri ako karere, Israel nayo ica yishura n'ibitero vy'indege.

Ibitero vy'indege vyo mw'ijoro ryakeye vyari bifise uburemere nyabaki?

Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye inzu za Yahya Sinwar n'iya mwenewabo Muhammad Sinwar ivuga ko ari we ajejwe ibikoresho n'abantu mu muhari Hamas.

Israel ivuga ko izi nzu zompi "zakorerwamwo ibikorwa vya gisirikare" vya Hamas.

Ababa muri ako karere bemeje imbere y'ibinyamakuru ko inzu y'umukuru wa Hamas yatewe ikibombe. Nta makuru yashotse amenyekana ku vyashikiye aba bategetsi babiri bavukana.

Ibibombe vy'ibitero bitari bike vy'indege vyaraye birasirana ijoro ryose mu gisagara ca Gaza, abaharurwa muri mirongo bakaba bazibiriwe mu bihomoka vy'inzu zabomaguwe nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Rushdi Abualouf.

Ku rubuga rwa Twitter yagize ati: "Sinari bwigere mbona ibitero vy'indege bikaze nk'ibi, ibibombe bituragurika mu karere kose i Gaza, biragoye kuvugana n'abategetsi ku bijanye n'aho ibi bitro biherereye".

Ati: "Inzu mbamwo mu burengero bw'igisagara yaranyiganyiye nk'uko wamengo ni nyamugigima. Akajagari gateye ubwoba, abagore n'abana muri ino nzu ibamwo abantu barenga 200 bari mu marira n'amaganya".

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Gaza buvuga ko abantu 26 ari bo bishwe, abandi 50 nabo barakomereka mu bitero vy'indege vyakozwe kw'ibarabara al-Wehda Street hagati mu gisagara ca Gaza mw'ijoro ryakeye, abana umunani n'abagore 10 bakaba mu bishwe. Ibikorwa vyo kurondera abakizibiriwe mu bihomoka birabandanya.

Mu kanya gaheze inyuma y'umutaga, abarwanyi b'Abanyapalestina muri Gaza bateye amarokete mu turere twa Ashkelon, Ashdod, Netivot n'ibindi bice vyo mu bumanuko bwa Israel. Nta makuru aramenyekana ku bapfuye canke abakomeretse.