Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel-Gaza: Abapfa baguma baba benshi mu ntureka yayangaye hagati ya Israel na Gaza
Intureka muri Gaza na Israel nta gahengwe isa n'iyiriko iratanga mu gihe habandanya kuraswa za roketi n'ukugaba ibitero vy'indege, hamwe n'uruhagarara hagati y'abayahudi n'abanya-Israel b'abarabu.
Igitigiri c'abapfa kibandanya kwiyongera, gushika ubu abamaze gupfa muri Gaza bakaba bashika 83 na 7 muri Israel.
Umumenyeshamakuru wa BBC muri Gaza avuga ko ryabaye ''ijoro rya mbere rirerire kandi rigoye kuva mu ntambara yo mu 2014". Israel ivuga ko imaze guterwa ibisasu vya roketi 1.600.
Ubu Israel iriko iribaza ko ishobora kugaba igitero co hasi muri Gaza.
Ubu yongereje inteko ku rubibe
Iyo niyo ntureka ya mbere ikomeye kuva mu 2014, yakongerejwe mu ntango y'indwi n'icuka kibi hagati y'abanya-Israel n'abanya-Palestina muri Jerusalem y'ubuseruko cashikanye ku mishamirano ku kibanza cerenda haba ku bayahudi haba no ku barabu.
Ibi vyahavuye bishikana kw'iterwa ry'ibisasu vya roketi n'abanya-Palestina, n'igabwa ry'ibitero vy'indege na Israel.
Ubu ubwoba ku banyagihugu basanzwe ku mpande zose buguma bwiyongera.
Najwa Sheikh-Ahmada, umuvyeyi wo muri Gaza, yabwiye ikiganiro BBC Today ku wa gatatu mw'ijoro ati: "Ntushobora kuryama...Umwanya uwariwo wose inzu yawe ishobora guhinduka imva yawe.
"Ntushobora kwumva umutekano. Nk'umuvyeyi, birateye ubwoba, ..."
Muri Israel, igiorofa y'amazu yo kubamwo yarasambuwe mu gisagara ca Petah Tikva gatoya abayibamwo bahejeje kuja aho bahungira ama bombe.
Umwe mu bahaba yabwiye ikinyamakuru co kuri internet Ynet ati: "Twumvise inzamba zivuze, buno nyene ata kanya kahaciye tuza twumva ngo paaaa. Umwotsi wadusanze aho twihishije, umwe mu babanyi twari twegeranye yari yicaye ku ntebe aca agwa ubugarame."
Mohammed Abu Rayya, umuganga aba muri Gaza yabwiye BBC ati: "[Hari] impfu nyinshi, abakomereka benshi - abana, abagore bashaje n'abagabo. Ntidushobora gusinzira i muhira, ntidushobora kwumva umutekano. Ibitero biri hose muri Gaza. Nta kibanza na kimwe gitekanye."
Abategetsi muri Gaza, igenzurwa n'umuhari witwara gisirikare wa Hamas, bavuga ko abanyagihugu basanzwe benshi bamaze gupfa, barimwo abana 17.
Israel ivuga ko mu baharurwa mu mirongo bamaze kwicwa muri Gaza barimwo abo muri Hamas, kandi ko bamwe bicwa n'ibisasu vya roketi bibahindukirira.
Ingabo za Israel zivuga ko zagemye ibibanza vya Hamas zatota akarenga incuro 600.
Zivuga ko zatumbereje imihana n'amazu y'ubucuruzi bikoreshwa n'abo muri Hamas hamwe n'ishuri uwo muhari wakoresha "mu kunyegeza umwobo w'iterabwoba".
Mu gisagara ca Israel ca Sderot, umusore yarapfuye igihe igisasu ca roketi carashwe kiva Gaza cagwa ku nzu yabo, hanyuma ikivunji gica gitobora inkinzo yari yihishijemwo.
Ukuyangara kw'iyo ntambara kwatumye indege mpuzamakungu, harimwo KLM, British Airways na Virgin Atlantic, guhagarika ingendo zo muri Israel.
Igitero co hasi
Ku wa kane, indege ziza zakatishijwe aho kuja ku kibuga gikuru ca Ben Gurion ca Tel Aviv zija ku kibuga ca Ramon kubera urutavanako rw'ibisasu vya roketi.
Israel yahamagaje kandi kompanyi 10 z'abasirikare batumwako bikenewe (reserve) bagenzura urubibe kugira bafashe guhangana n'uruhagarara rwa mbere rukomeye hagati y'abarabu n'abayahudi bo muri Israel mu gihe c'imyaka myinshi.
Abanyeporitike muri Israel basavye ko haba ituze aho baboneye ubukari bw'imishamirano mu mabarabara.
Umukuru w'igihugu ca Israel Reuven Rivlin yavuze ko izo ntureka zadutse mu bisagara vyinshi vya Israel ari ''intambara y'abanyagihugu ku bandi itumvikana na gato".
Abantu barenga 400 baramaze gufatwa, barimwo abana bafise imyaka itarenga 13, nk'uko bivugwa n'igipolisi ca Israel.
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuze ko yizigiye ko intureka icureha vuba bidatevye ariko uguhagarika intambara ntibisa n'ibigiye kuba buno nyene.
Umwe mu bategetsi ba Hamas yavuze ko uwo muhari witeguriye guhagarika intambara bibaye ''ku mpande zose'' hamwe amakungu yogondoza Israel ''kureka ibikorwa vya gisirikare" ku musigiti bapfa wa Al-Aqsa muri Jerusalem.
Abantu benshi bongeye gukoranira kuri uwo musigiti ku wa kane, mu guhimbaza umunsi wa mbere wa Eid al-Fitr, umunsi mukuru w'aba Islam usigura kurangiza ukwezi kweranda kw'amafungo ya Ramadan.
Ariko umuvugizi w'igisirikare ca Israel Hilda Zilberman yavuze ko Israel ata guhagarika intambara iriko irarondera muri iki gihe, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Times of Israel.