Yoweri Museveni yarahiye ku ncuro igira indwi ari ku butegetsi bwa Uganda

Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986

Ahavuye isanamu, Yoweri Kaguta Museveni

Insiguro y'isanamu, Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986

Abantu barenga 4000 nibo bitabiriye ibirori vyo kurahira kwa Perezida Yoweri Museveni vyabereye ku mugwa mukuru wa Uganda, Kampala.

Muri bo harimwo n'abategetsi b'ibihugu vya Afrika batari bake harimwo n'abakuru b'ibihugu vya Tanzania, Kenya, Somalia, Uburundi, Sudani y'Epfo, Namibia, Zimbabwe, Guinea, Ghana, DR Congo na Ethiopia.

Perezida Museveni yatangajwe ko yatsinze amatora yo mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka yaranzwe n'impari nyinshi, uwari ahanganye na we bikomeye, umunyamuziki yabaye umunyaporitike Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, akaba abandanya avuga ko yibwe.

Iki kiringo gishasha c'imyaka itanu arahiriye, kikaba kigira gatandatu, akirangije azoba amaze imyaka 40 arongoye Uganda, akazoba ari mu bakuru b'ibihugu ba Afrika bamaze igihe kirekire ku butegetsi.

Igihe yariko ava ku nyubakwa y'umukuru w'igihugu iri ahitwa Nakasero i Kampala (Nakasero State House ) aja ku kibuga citiriwe ukwikukira ca Kololo (Kololo Independence Grounds ), ahabereye ivyo birori, abanywanyi b'umugambwe wiwe NRM ari nawo uri ku butegetsi bari batonze kw'ibarabara bamukeza.

Perezida Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986, muri iki kiringo cose Uganda ikaba yarateye intambwe haba mu bijanye n'imibano hamwe n'iterambere.

Yoweri Museveni arahirira kuba Prezida mu 1996

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yoweri Museveni arahirira kuba Prezida mu 1996

Hagati aho, hari abamunegura kubera yabanje guhindura ibwirizwa nshingiro kugira aronke uburenganzira bwo kwitoza arenza imyaka itegeko rya kera ritamwemerera n'ingene aburabuza bikomeye abatavuga rumwe na we.

Mu mwaka uheze, iki gihugu caranzwemwo n'itoteza rikomeye ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe, aho abanywanyi b'imigambwe itavuga rumwe baharurwa mu majana bapfunzwe abandi benshi nabo bakaburwa irengero.

Abajejwe umutekano bafise ibirwanisho bikomakomeye bari barungitswe mu bibanza bitandukanye vy'umugwa mukuru mu ntumbero yo gucungera ibirori vyo kuri uyu wa gatatu.

Hari n'abarungitswe kugota imihana y'abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe.