Uganda: Abatavuga rumwe na reta bashaka ibiganiro na prezida Museveni

Abatavuga rumwe na reta muri Uganda bavuga ko biteguye kuganira na prezida Museveni inyuma y'aho uwo mukuru w'igihugu avugiye ko adashaka umuhuza yoja hagati yabo.
Prezida avuga ko ashobora kubonana na bo wenyene akaganira na bo kugira bumvikane kuvyo batumvikanako ata muntu n'umwe avuye hanze abagiye hagati.
Ayo majambo ya prezida Museveni yavuzweko vyinshi muri Uganda, kubera inyuma yo kumenya ivyavuye mu matora yo kw'itariki 14 z'ukwezi kwa mbere, abanye politike batavuga rumwe na reta bavuga ko ayo matora atabaye mu muco, n'aho akanama kajejwe gutegura amatora katemera ivyo bavuga.
Umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta JEEMA, Asumani Basarilwa avuga ko uyu ari wo mwanya nyawo wo kuganira na prezida Museveni.
Na yo umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta wabonetse mu matora yo muri uyu mwaka wa 2021, NUP, waserukiwe mu matora na Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine, uriyamiriza wivuye inyuma ivyavuye mu matora, uvuga ko watswe intsinzi n'akanama kajejwe gutegura amatora.
Umuvugizi w'uwo mugambwe Joel Ssenyonyi avuga ko nimba prezida Museveni ashaka kuganira na bo, asaba ko boganira ku neza y'abanyagihugu atari ku neza y'abantu babiri.
Hagati aho, akanama kajejwe gutegura amatora kamenyesheje ibiharuro vya nyuma vyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, aho prezida Museveni yaronse amajwi 58.38%, Robert Kyagulanyi w'umugambwe wa NUP amajwi 35.08% na yo Patrick Amuriat w'umugambwe wa FDC amajwi 3.26%.






