Uganda: Abajejwe umutekano bavuye ku rugo rwa Bobi Wine

Bobi Wine n'umugore we Barbara Itunga Cyagulanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bobi Wine yari agiye kumara ibyumweru bibiri atemerewe kuva murugo

Ubwa mbere kuva itariki 14 ukwezi kwa mbere umunsi haba amatora, Bobi Wine yasohotse urugo rwiwe avugana n'abamenyeshamakuru nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru co muri Uganda Daily Monitor.

Robert Kyagulanyi w'imyaka 38, azwi cane kw'izina ry'umuririmvyi nka Bobi Wine, niwe yari akomeye cane mu bantu 11 bahiganywe na prezida Yoweri Museveni w'imyaka 76. Museveni amaze imyaka 35 ariwe atwara Uganda.

Kuva ku munsi w'amatora urugo rwa Bobi Wine rwaciye rukikuzwa n'abajejwe umutekano, nta wasohoka, nta winjira.

Noneho, ikinyamakuru Daily Monitor c'aho muri Uganda,muri iyo nyandiko yaco yo kuri twitter kivuga ko ku ncuro ya mbere kuva itariki 14 ukwez kwa mbere, Bobi Wine yavuganye n'abamenyeshamakuru.

Ku wa mbere sentare yari yategetse ko abasirikare n'abaporisi bava ku rugo rwa Robert Kyagulanyi.

Ariko , nk'uko abanyamakuru babibonye, iyo ngingo ntiyashotse yubahirizwa.

Ayo matora yatsinzwe na prezida Yoweri Museveni ku majwi 58.64%. Bobi Wine yaje ubwa kabiri ku majwi 34.83% ariko ntiyemera ivyavuye mu matora.