Germany: Abapatiri bagararije Vatican bahezagira abubakana basangiye ibitsina

Iyi mihezagiro itangwa hakurikijwe icivugo ngo "Urukundo ruratsinda"

Ahavuye isanamu, EPA-EFE

Insiguro y'isanamu, Iyi mihezagiro itangwa hakurikijwe icivugo ngo "Urukundo ruratsinda"

Kuva ku wa mbere, abapatiri bakorera mu masengero ashika ijana muri Ekleziya Katolika mu Budagi batanguye guhezagira abubakana basangiye ibitsina.

Umuhari wiswe Love Wins (Urukundo ruratsinda) wavutse inyuma y'aho Ekleziya Katolika itangarije mu kwa gatatu ko Imana "idashobora guhezagira igicumuro".

Imbere y'aha, uyu muhari wanditse uti: "Abubakanye bose bategerezwa kuronka imihezagiro Imana ishaka kubaha - ku mugaragaro".

Haraciye imisi Papa Francis avuze ko yibaza y'uko abubakanye basangiye ibitsina bokwemerwa "imbere y'amategeko".

Mw'ireresi (documentaire) yasohotse mu mwaka uheze, yumvikanye avuga ko aba bantu "bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango".

Hagati aho, yagiriyeko yemeza inyigisho nyobokamana za Ekleziya zivuga ko Ekleziya Katolika ata bubasha ifise bwo guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina.

Muri Ekleziya Katolika, umuhezagiro utangwa n'umupatiri canke uwundi yihebeye Imana kw'izina rya Ekleziya.

Ico gihe Papa yavuze ko inyishu ya Vatikano itari ifise intumbero yo kuvangura, ahubwo ko kwari ukwibutsa ukuri kw'imigirwa nyobokamana ya Ekleziya.

Hagati aho, umuhari Love Wins wafashe iyo ngingo ya Ekleziya yo kwima umuhezagiro abubakanye basangiye ibitsina nk'uguhohotera abantu kw'isi.

Uyu muhari wasohoye ikarata yerekana amasengero yose agiye guhezagira aba bantu mu misi iri imbere.

Couples attend a blessing outside a Catholic church in Cologne

Ahavuye isanamu, EPA-EFE

Abapatiri n'abandi bakozi ba ekleziya baharurwa mu bihumbi bateye igikumu ku rwandiko rusaba ko Ekleziya yohezagira abubakanye basangiye ibitsina, mu gihe amaparuwase amwe amwe amanika amabendera afise amabara y'umunywamazi (umukororombya mu kinyarwanda) imbere y'amasengero.

Umunyamakuru wa BBC Damien McGuinness i Berlin avuga ko Ekleziya Katolika mu Budagi ifise ubwigenge kandi itunze gusumba ibihugu vyinshi, ibi bikumvikana ko kubona ibitigiri vy'abantu bemera abubakanye basangiye ibitsina bitera vyiyongera muri ico gihugu, bizogorana ingene Vaticano ivyirengagiza.

Kuva mu 2017, amategeko araha uburenganzira abubakanye basangiye ibitsina mu Budagi kandi iki gihugu carakuyeho za nyigisho ziswe "inyigisho zo kugarura abafise ingendo ijana ku guhuza ibitsina babisangiye" (gay conversion therapy) ku bana bari musi y'imyaka 18.