Uko abahinga babaze umwana akiri mu mbanyi, nyina wiwe yamwise 'Igitangaro'

Mila
Insiguro y'isanamu, Helena yise umwana wiwe w'umukobwa Mila - impfunyapfunyo ya milagro, bisigura igitangaro mu rurimi rw'iki espangol
    • Umwanditsi, Na Katharine Da Costa
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vyo amagara y'abantu

"Ikintu ico ari co cose kibi gishobora gushika, ariko rero kubona nashoboye gukora (kubaga) uyu mwana, nibaza ko ari co kintu ciza nashoboye kumukorera. Mu mutwe wanje, nta kundi vyari kugenda - nategerezwa kumubaga".

Inyuma y'incuro indwi zose bagerageza kumutera urubuto rwamaze guhura n'intanga (fécondation in vitro, IVF), Helena yari yamaze kwihebura ko ata wundi mwana wa kabiri azigera aronka.

Ariko rero ku ncuro igira indwi, yashoboye gusama imbanyi mbere ibintu bibandanya neza gushika ku ndwi igira 20 aho bamupima bakabona ko hari ikibazo.

Ico gihe, Helena yabwiwe ko umwana wiwe w'umukobwa yari yibungenze yari afise ikibazo c'uruti rw'umugongo (spina bifida).

Avuga ingene bamubwiye, Helena avuga ati: "Yari afise intoboro nini ku mugongo kandi igice c'uruti rw'umugongo cari hanze. Bambwiye ko yari afise igihamana kibi co kumugara, ntashobore kwifata mu gusohora umwanda mukuru na muto, akaba kandi inyuma y'aho yategerezwa guterwa akaringoti ko kuvoma amazi yaboneka mu bwonko".

"Narataye umutwe bambwiye ingaruka zose zishobora kumubako kubera izi ngorane, igihe cose nama mu marira".

"Bamwiye ko amahirwe yo gutambuka yari make , make cane rwose - numva n'inguvu zose zimperanye".

Mu misi yakurikiye, Helena yarungitswe ku bipimo bamwemerera ko bashobora kumubaga. Amaze indwi 23 yibungenze, yarungitswe ku bitaro vy'abahinga mu Bubirigi, bikorana n'ikigo kijejwe amagara y'abantu c'Ubwongereza, NHS.

Umurwi w'abahinga ugizwe n'abantu hafi 25 nibo bakoze ico gikorwa kidasanzwe kandi kigoye, bashobora kubaga uyo mwana yari mu nda barakora urwo ruti rw'umugongo banazibira intoboro yari mu mugongo wiwe.

Helena ati: "Nari nzi ko ni batambaga ubuzima bwiwe buzoba ukundi".

Umwigisha wa kaminuza Anna David, akaba n'umuhanuzi ku bijanye n'amagara y'impinja kw'ishure kaminuza y'ubuvuzi ya Londres (University College Hospital), avuga ati:

"Mu myaka iheze, uru ruhinja rwari gutegerezwa kubagwa kugira rusanasanwe rumaze kuvuka - ariko rero kubera ubu dushobora kubaga umwana ari mu nda ya nyina, iyo ntoboro twashoboye kuyizibira hakiri kare cane, bisigura ko ata ngorane nyinshi uruti rw'umugongo ruzogira".

"Ibi biha amahirwe menshi uyu mwana gushobora gutambuka akanagenzura gusumba uruhago n'urura vyiwe".

Helena with Mila
Insiguro y'isanamu, Helena ari kumwe n'umwana wiwe w'umukobwa Mila inyuma y'ukugabwa akiri mu mbanyi

Haciye amezi atatu akozwe, Helena yahavuye yibaruka umukobwa wiwe Mila - impfunyapfunyo ya milagro, bisigura igitangaro mu rurimi rw'iki espangol - ku bitaro vyegukira iri shure kaminuza rya Londres.

Mila aracafise uruziruzi mu bwonko, ariko gushika ubu ibimenyetso vyerekana ko abandanya akura neza.

'Umunezero udasanzwe'

Helena ati: "Arashobora kuzungagiza amaguru we nyene, kandi umukoze ku mano aravyuma neza, n'ukuri ni ibintu bitangaje cane".

"Nshimira cane aba baganga bakoze iki gikorwa co kumubaga kuko iyo bitagenda uko, ubuzima bwiwe bwari kuba ukundi".

Iyi ndwara Spina bifida y'uruti rw'umugongo ikaba ifata abana bari mu mbanyi bashika hafi 1,500 ku mwaka mu Bwongereza, ituma uruti rw'umugongo rudakura neza.

Ishobora gutera ubumuga, canke ibibazo vy'uruhago, urura n'amafyigo.

Ariko iyo abaganga bashoboye kumubaga imbanyi imaze indwi hagati ya 22 na 26 hakurindira avutse, umwana ashobora kubaho neza.

Iki gikorwa gisanzwe gikorwa n'abahinga bo mu bitaro vy'ishure kaminuza ya Londres (University College London), ibitaro vy'abana Great Ormond Street Hospital, hamwe n'ibitaro vyegukira Ishure kaminuza ya Louvain mu Bubirigi.

Impinja 32 ziramaze gukorwa muri ubu buryo kuva mu kwa mbere 2020.

'Ubuhinga budasanzwe'

Prof Stephen Powis, arongoye igisata c'ubuvuzi mu kigo NHS c'Ubwongereza, avuga ko aka ari akarorero kamwe mu buhinga bugezweho mu vyo ubuvuzi bikorwa n'ikigo NHS.

"Hampande yo kurwanya ikiza karanda gihanze isi, NHS irabandanya ibi bikorwa bidasanzwe no kwitaho abarwaye".

Kate Steele, arongoye ikigo Shine gifata mu mugongo imiryango yashikiwe n'iyi ndwara spina bifida ifata uruti rw'umugongo, hamwe n'indwara yo kuvyimba umutwe (hydrocéphalie), avuga ati:

"Turizeye ko umuryango uwo ari wo wose ushobora gukenera ubu buhinga bwo gukora uruhinja ruri mu mbanyi uronswa akaryo ko gutahuzwa ko iyo nzira ari yo nyayo kandi bakabona ko bafashwe mu mugongo, nk'uko vyabaye kuri Helena".