Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umusunikano muri Israel: Ababibonye baravuga ingene abantu 'batererwa mu kirere'
Abantu bari ahabereye umusunikano waguyemwo abantu benshi mu rugendo rw'idini baravuga ingene ''batwawe n'umukuba w'abantu, abandi nabo batererwa mu kirere".
Nibura abantu 44 bapfuye abandi benshi barakomereka mu rugendo rwo guhimbaza umunsi mukuru wa Lag B'Omer ku mucamo w'umusozi Meron.
Igiporisi cabwiye ikinyamakuru Haaretz ko uwo musunikano wabaye kubera bamwe mu bari muri urwo rugendo banyereye ku ngazi, bituma abandi batemba.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bitavye urwo rugendo rweranda.
'Kurwanira ubuzima'
Umugabo yatanze izina ryiwe nka David yavuze ko yari yinjiye kuraba ingene batsa igicaniro/icoto bunonyene haza ''umupfunda uvuye hanze".
Yabwiye ikinyamakuru Ynet ati: ''Batumijuye. Abantu banuzwe mu kirere - abandi barahonyorwa''
''Hari umwana yagumye yumiye ku kuguru kwanje, agwanira ubuzima. Twarindiriye gutabarwa iminota 15-20 muri uwo musunikano uteye ubwoba".
Umwe mu barokotse yajanywe mu bitaro yabwiye television ya reta Kan ati "Nta n'umwe yari azi ico ari bukore".
"Intango n'ukubera abantu benshi cane. Hejuru yanje hari abantu benshi. Nanje nari ndamye hejuru y'uwundi atari agishobora guhema. Hari amaborogo, urudubi. Nabonye abana bari munsi yanje. Icanciye mu mutwe gusa kwari uko umwana wanje atoba impfuvyi".
Uwundi yari ahari yavuze ko abantu bazungazunga iburyo n'ibubamfu.
''Inyuma y'iminota 20 nibaza ko abantu bari batanguye kutabasha guhumeka neza gutyo barondera gusohoka, ariko nta n'umwe yashoboye gusohoka. Munsi yanje hari abanrtu batari bagihema. Hari amaborogo menshi y'abavuga ngo "birasanse ko mpema".
Uwundi yari ahari, Shlomo Katz, yavuze ko yari arindiriye abagenzi biwe aca abona abaforoma biruka kandi bongera bagerageza guhembura abana.
Ati: "Ambulance zaguma zinjira zongera zisohoka".
'Babonye ibintu bitoroshe'
Dov Maisel, akora mu rwego rw'abatabara vyihuta rwa United Hatzalah Emergency Services yavuze ko abantu bari ''barundanyeko nk'ipaki y'ikarata''.
Avuga ko abakora mu nzego zo gutabara nabo vyabaye ngombwa ko bahabwa inama zo kudahahamuka.
Dov Maisel yagize ati: "Abantu benshi bakomeretse., abandi bapfuye ngaha. Abakorerabushake mubona ngaho bakoranijwe bakorerwa inama yo kubafasha kudahahamuka, - kuko babonye ibintu bigoye"
Umwe mu bari bahari yafashije abakomeretse yabwiye Haaretz ati: "Nari nicicaye ngira mfungure nca numva amaborogo. Twaciye twiruka gufasha hanyuma tubona imivyimba. Ubwa mbere bari nka 10, none ubu ni benshi".