France: Abahoze ari aba 'jenerali' bagabisha ko hashobora kwaduka intambara

French soldiers march during the annual Bastille Day military parade in Paris, 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Reta y'Ubufaransa iriyamiriza urwandiko rwateweko igikumu n'abasirikare bakiri mu kazi ruvuga ko igihugu kiriko kija "mu ntambara yo hagati mu gihugu" (guerre civile) kubera intagondwa zitwaza amadini.

Hafi abasirikare 1000, harimwo n'abahoze ari aba jenerali bashika 20, ni bo bateye igikumu kuri uru rwandiko.

Rwagiriza "intagondwa zitwaza amadini" ko bariko batera amacakubiri mu banyagihugu, kandi ko intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu ziriko zigarurira uturere tumwe tumwe tw'igihugu.

Abashikiranganji bari muri reta bariyamiriza ibiri muri uru rwandiko rwasohowe n'ikinyamakuru cegamiye ku bagendera ku vyiyumviro vya kera.

Uru rwandiko rwasohowe ubwa mbere ku wa 21 z'uku kwa kane - ku musi hibukwa imyaka 60 habaye ukugerageza gusenyura ubutegetsi kukaburizwamwo.

Abanditse uru rwandiko bavuga bati: "Ibintu ntivyoroshe, Ubufaransa buri mu kaga".

Umukuru w'abashira imbere imico ya kera (extrême droite/ far-right), Marine Le Pen, azwi ko azokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu mwaka uza, yashikirije ijambo aho ashigikira aba bahoze ari abajenerali.

Ariko umushikiranganji w'ingabo, Florence Parly, yanditse kuri Twitter ati: "Hari ingingo ngenderwako zibiri ziranga abari mu gisirikare ku bijanye na poritike: Kutagira aho uhengamiye hamwe n'ukudahemuka".

Imbere y'aho yari yagabishije abateye igikumu kuri uru rwandiko kandi bakiri mu kazi ko bashobora guhanwa kubera uguhonyanga itegeko ribategeka kutegamira ku ruhande urwo ari rwo rwose muri poritike.

Uru rwandiko ruvuga ngw'iki?

Ruraburira umukuru w'igihugu Emmanuel Macron, reta yiwe hamwe n'abashingamateka, ku "kaga gakomeye" gashobora guta mu manga Ubufaransa, harimwo "abitwaza idini rya Isilamu hamwe n'intagondwa ziri mu makaritiye y'abantu batobato" - aha bakavuga amakaritiye azungurutse ibisagara vy'Ubufaransa asanzwe abamwo abimukira bari mu bukene .

Abateye igikumu kuri uru rwandiko babandanya biyamiriza "intambara y'ivanguraruhu" ko iriko icanishamwo abanyagihugu, kandi ko irondera guteza "intambara y'amoko" mu kurondera gusenyura ibishusho n'ibindi biranga akahise k'Ubufaransa.

Bagiriza kandi reta ko ishaka gukoresha no guta mu mporero igiporisi mu guhohotera ya myiyerekano yitiriwe "gilets jaunes" (amakoti y'umuhondo) iheruka mu myaka mike iheze.

Uru rwandiko rurangiza ruvuga ruti: "Iki si igihe c'ukwiteza utunyoni nimba mudashaka ko ejo intambara iza guhagarika izi mpfu ziharurwa mu bihumbi hamwe n'akajagari kabandanya kiyongera - kandi nimwe muzobibazwa".

Umunyamakuru wa BBC, Hugh Schofield, ari i Paris avuga ko kubona mu gihugu gisanzwe giha imishahara abahoze ari abajenerali ibihumbi n'ibihumbi bari ku ntonde z'abakukuruke, havamwo 20 muri bo bagashigikira iyo mvugo iturira, ari ibintu vyo kwihweza neza.

Ariko n'ubwo bimeze uko, kubona hasohoka uru rwandiko ni ikimenyetso ko hari ibitagenda neza, kandi kubona na Marine Le Pen abishigikiye vyerekana ko bizobandanya bivugwa cane mu myiyamamazo iri imbere, nk'uko uyu munyamakuru abivuga.

None vyakiriwe gute?

Abagize igisirikare c'Ubufaransa, baba abari ku kazi canke bari ku ntonde z'abarindirijwe (réservistes), ntibemerewe kwerekana aho bahagaze ku bijanye n'amadini na poritike, ari co gituma umupfasoni Parly asaba abateye igikumu kuri uru rwandiko gufatirwa ibihano.

Ku wa mbere, uyu mushikiranganji yabwiye iradiyo France Info yo mu Bufaransa ati:

"Kuri abo bose barenze ku mategeko agenga abasirikare bari ku ntonde z'abarindirijwe, ibihano birategekanijwe, nayo nimba hari abasirikare bari ku kazi bateye igikumu kuri uru rwandiko, nasavye umukuru w'ibiro vya gisirikare ko akora ico amategeko avuga...ibi navyo si ibindi, ni ibihano".

Umushikiranganji Parly afatira ku wahoze ari umujenerali wo mu gisata ca gisirikare ca Légion étrangère yirukanywe mu gisirikare kubera yagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira mu gisagara ca Calais.

Kubera iki iki gihe bikorewe gikomeye?

Umushikiranganji w'amahinguriro, Agnès Pannier-Runacher yabwiye France Info ko yiyamirije yivuye inyuma aba bajenerali "bahamagarira abantu kugumuka...ku musi w'isabukuru rigira 60, aho twibuka umusi abajenerali bagerageza gutembagaza ubutegetsi bwa Jenerali de Gaulle".

Iri tembagazwa ry'ubutegetsi ryaburijwemwo ryakozwe n'abajenerali bariko barondera kubuza Algeria - igihugu cari kirongowe gikoloni n'Ubufaransa - ko ironka intahe y'ukwikukira.

Ariko rero, wa munyaporitike agendera ku vyiyumviro bikaze Marine Le Pen yakiriza yompi uru rwandiko, mbere aka asaba aba bajenerali kumushigikira "mu rugamba rwo kurwanira Ubufaransa".

Aka kamo yagateye ku musi haba igitero c'ubwicanyi cabaye ku kirindiro c'abaporisi mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Paris, igitero kibonwa ko gishobora kuba ari ic'iterabwoba.

line

Impamvu Marine Le Pen ashigikiye uru rwandiko

Hugh

Ibinyamamukuru bitari bike mu Bufaransa vyerekana ko vyaguye mu gahundwe bibonye ingene Marine Le Pen yahagurutse agashigikira aba bajenerali.

Se wiwe yari azwi ko yari ku ruhande rw'abari bashigikiye ugutembagaza ubutegetsi. Ni we yari ku ruhande rw'intagondwa zarwanya ubutegetsi bwa de Gaulle, haraciye imyaka 60. Ni umuntu yakunda ibintu vy'akajagari. Gusa si ko Marine n'umugambwe wiwe Rassemblement National/National Rally bameze.

None yoba yaharuye nabi? Bamwe ni ko bibaza.

Marine Le Pen

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Marine Le Pen ni umukobwa wa Jean-Marie Le Pen yari ku ruhande rw'intagondwa zarwanya ubutegetsi bwa de Gaulle

Kubona ahaguruka agashigikira akarwi k'abahoze ari abajenerali - mbere harimwo n'abagendera ku ntebe z'abamugaye - baboneka ko bataye umurongo bakisuka muri poritike - vyorohereza cane Perezida Macron kumushira mu karwi k'abafaransa b'abagumutsi bo muri kahise, ko agendera kw'iragi rya se n'abandi bafaransa ba ntaho mfatwa bo muri kahise.

Eka na bamwe mu batora basanzwe bari ku ruhande rw'abadashigikiye ihinduka - bamwe muri bo bafise kuba bari bamugiriye icizere inyuma y'aho yerekaniye ko ashigikiye ubumwe bw'Uburayi, abandi nabo bakagurwa - bashobora kubanza kwihweza neza ibintu.

Ariko turavye ku rundi ruhande, kumbure Marine Le Pen ashobora kuba yabona ko ata kundi yari kugira kireste gushigikira uru rwandiko.

Ariko hejuru ya vyose, nta n'umwe ashobora kwibaza ko hashobora kuba amahirwe yo gutembagaza ubutegetsi, rero ntiyibajije ko ashobora kwagirizwa ko ariko ahamagarira imigumuko.

line

Ubufaransa bwashikirije integuro y'itegeko rifise intumbero yo kurwanya ico Perezida Emmanuel Macron yita "akarwi k'abagendera ku vyiyumviro vya Isilamu bashaka kwiyonkora".

Hagati aho, abamunegura, baba abari hagati mu gihugu canke hanze, bagiriza reta ko ishaka kurwanya idini rya Isilamu.