Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia igiye gukura ingabo zayo hafi ya Ukraine
Inyuma y'indwi zitari nke zaranzwe n'uruhagarara rwatewe n'ingingo y'Uburusiya yo kurungika ingabo ku rubibe iki gihugu gihana na Ukraine, umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Uburusiya Sergei Shoigu yategetse ingabo zitari nke gusubira ku birindiro vyazo.
Umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vy'Uburayi uvuga ko ingabo z'Uburusiya zirenga 100.000 ari zo zari zegeranirijwe ku rubibe no mu karere ka Crimée/Crimea kigarurirwe n'Uburusiya mu 2014.
Mw'ijambo yashikirije ari muri Crimea, umushikiranganji Shoigu yavuze ko ingabo ziri mu myimenyerezo muri ako karere zigiye gusubira ku birindiro vyazo.
Yongeyeko ko ico bashaka bagishitseko.
Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky - mu ntango yari yatumyeko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kugira babonanire mu karere karimwo imishamirano - yakirije yompi iyi ngingo yo "kugabanya" icuka kibi kirangwa ku rubibe.
Umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Uburusiya avuga ati: "Ingabo zarerekanye ubushobozi nyabwo zifise bwo gukingira igihugu".
Avuga kandi ko yategetse abarongoye imirwi y' ingabo zirwaniha hasi hamwe n'iyindi y'ingabo zirwanira mu kirere gutangura gusubira ku birindiro kuva kuri uyu wa gatanu gushika ku wa gatandatu w'indwi iza, hazoba ari igenekerezo rya 01 z'ukwa gatanu.
Mu ndwi iheze, Perezida Zelensky yari yashikirije iki kibazo abategetsi ba Buraya. Umukuru w'ingabo za Ukraine yavuze ko ingabo z'Uburusiya zariko zigana mu turere twa Rostov, Bryansk na Voronezh hamwe no muri Crimea, mu gihe izindi nazo zari zegeranirijwe ku rubibe.
Inyuma y'ivyatangajwe na Shoigu, ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu burengero ry'ukwivunira umwansi hamwe, OTAN/NATO ryavuze ko ingingo iyo ari yo yose yohagarika uruhagarara izoba ari "kirumara kandi nkenerwa".
Rivuga kandi ko ingabo z'iri shirahamwe ryo mu burengero zibandanya zirikanuye.
Abategetsi bahurikiye muri OTAN basaba ikoraniro mu kwa gatandatu aho ikibazo c'Uburusiya kizoba muri bikuru bikuru vyo kwihweza.
N'aho Uburusiya buhakana ko uku kwegeranya ingabo yari imyiteguro yo kwishura ku bikorwa "biteye amakenga" vya OTAN, amakuru avuga ko buriko butegura kuzibira uturere turi hafi y'Ikiyaba Cirabura (Mer Noire/Black Sea) kugira ntihagire ubwato mvamakungu buzosubira kwinjira muri iki kiyaga. Ukraine ifise ubwoba ko ibivuko vyayo bishobora kuhagirira ingorane.
Uburusiya buriko bukora iki?
Uburusiya bwamye buvuga ko ata bindi vyinyegeje inyuma uretse ko ari imyimenyerezo ya gisirikare.
Ariko Moscou yari izi neza ko uku kwegeraniriza ingabo hafi ya Ukraine no mu karere ka Crimea kigaruriwe n'Uburusiya vyateye ubwoba abantu benshi: Muri Ukraine, i Buraya no muri America.
Iyi ni yo ngorane.
Moscou yoba yakoresheje ibi bikorwa vyo kwegeranya izi ngabo kugira ngo ihe ubutumwa Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine), Bruxelles (umugwa mukuru w'Ububirigi kandi icicaro c'umuryango w'ibihugu vya Buraya), hamwe kandi na Washington cane cane , ko Uburusiya ari igihugu gikomeye gitegerezwa kwitwararikwa.
Perezida Joe Biden wa Amerika yarumvise aka kamo. Mu ndwi iheze, yahamagaye kuri telefone Perezida Putin amusaba ko bohura bakaganira.
Hanyuma kandi yaciye afatira Uburusiya ibihano bikomeye cane "ku bikorwa vyabwo bibi", ariko hagati mu gihugu, Abarusiya babona ko ari ibihano bisanzwe.
Ariko kandi, n'aho uruhagarara rwogabanuka, si ukuvuga ko rurangiye. Umushikiranganni w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi aratomora neza ko "Uburusiya bufata ingingo kugira buhangane n'ibikorwa biteye amakenga vya OTAN".
Akarorero, Moscou itegekanya kuzibira uturere two ku kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) mu kiringo c'amezi atandatu kugira ibuze ubwato mvamakungu kwinjira muri iki kiyaga.
Mw'ijambo yashikirije igihugu ku wa gatatu, Perezida Putin yaragasbishije ibihugu vyo mu burengero ko bitohirahira ngo "birenge umurongo utukura".
Avugana n'abanyamakuru inyuma y'aho ingabo zitegetswe gusubira ku birindiro vyazo, Perezida Putin yavuze ati: "Ku bijanye n'imigenderanire hagati y'ibi bihugu vyompi, turiteguye kwakira umukuru w'igihugu ca Ukraine umwanya uwo ari wo wose umworohereza, ariko i Moscou".
Hagati aho, ashimangira ko, nimba Perezida Zelensky ashaka kuganira ku kibazo c'ubuseruko bwa Ukraine, ategerezwa kubanza kuvugana n'abategetsi bo muri ako karere.
Intambara mu buseruko bwa Ukraine yadutse mu 2014, inyuma y'aho Crimea yonkorewe kuri Ukraine. Inyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya zarigaruriye uturere tutari duto tw'intara za Luhansk na Donetsk.
Mu ndwi nkeya ziheze, harabaye ihonyangwa ry'amasezerano y'uguhagarika intambara. Ibibombe vyatewe ku wa kane vyarakomerekeje cane umusirikare wa Ukraine, mu co ingabo za Ukraine zivuga ko ari uguhonyanga aya masezerano kwakozwe n'ibigirankana.
Kuva iyi ntambara yaduka, abantu bagera kuri 14.000 baramaze kuhasiga ubuzima.