Covid-19: Amerika ihanura kwirinda kuja muri 80% vy'ibihugu

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bugiye guha inama Abanyamerika yo kwirinda 80% vy'ibihugu vyo kw'isi kubera ikiza ca coronavírus.

Mu rwandiko rugenewe ibimenyeshamakuru ku mpanuro zijanye n'igihe ku vyerekeye ingendo hanze, ubwo bushikiranganji bwavuze ko ico kiza gikomeje ''gutera ingeramizi zitari bwigere zibaho ku bantu bafata ingendo".

Gushika ubu impanuro yo kwirinda ibihugu bimwe bimwe yari yerekeye ibihugu 34 ku bihugu 200.

Covid-19 ubu imaze kwica abantu barenga miriyoni 3 kw'isi - abarenga ica kabiri c'umuriyoni muri abo bakaba ari abo muri Amerika.

Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi (OMS) ryagabishije ko isi iriko ''iregereza urugero rwa mbere runini rwo kwandura" gushika ubu, n'ubwo hatangujwe umugambi w'isi wo gutanga incanco.

Ubuhindi - muri iki gihe bwugarijwe n'umurindi ugira kabiri - bugiye gutangura gutanga urucanco ku bantu bose barenza imyaka 18 mu ntumbero yo guhagarika ukwiyongera kw'ibitigiri vy'abandura.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko ingingo yo gusubiramwo iyo nama yabwo ari ukugira bujane n'iyigirwa n'ibigo vyo kurwanya no kugenzura indwara (CDC) ''bitavuze ko ari ugusubiramwo kuraba ingene ibintu vyifashe mu bijanye n'amagara y'abantu mu gihugu kanaka".

Ariko, buvuga ko iyi ngingo "izotuma hiyongera ibihugu biri ku rugero rwa 4 (Level4): Do Not Travel (ntimufate ingendo), kuri hafi 80% vy'ibihugu vyo kw'isi".

Ibibanza bitatu vyonyene kw'isi ni vyo bifatwa nk'ibiri hasi cane y'ibindi ku ngero zine z'ubushikiranganji bw'imigenderanire - "Mwiyubare bisanzwe". Ni Macau, Taiwan na Nouvelle Zelande.

Na ho na Antarctic iri ku rugero rwa kabiri -Mwiyubare cane" - mu gihe Ubwongereza buri ku rugero rwa gatatu- "Subiramwo umugambi wanyu w'urugendo" - hakongerako kwongereza kwiyubara kubera igishobora gushika bivuye kw'iterabwoba.

CDC zigira inama abanyamerika kwirinda kugira ingendo hagati mu gihugu gushika bahejeje kuronka incanco zose, zikanagabisha ko ingendo mpuzamakungu zongereza ukugeramirwa no ku baba baracandazwe.

Coronavirus kw'isi:

  • Abamaze gupfa: 3.000.000
  • Abamaze kwandura bazwi: miriyoni 139.9
  • Igitigiri ca vuba c'abapfa ku musi: 12.744
  • Igitgiri ca vuba c'abandura ku musi: 837.344

N'ubwo hari incanco miriyoni 860 za coronavirus zimaze guterwa mu bihugu 165 kw'isi, ibihugu vyinshi biracahanzwe no gushobora guhagarika ukwiyongera kw'abandura uwo mugera.

Brezil imaze gufata ikibanza ca gatatu ku bantu benshi banduye, na ho ku bantu 368.749, ikaza ubugira kabiri ku bantu benshi bamaze gupfa.

Canada na yo muri iyi misi yaragize iyongerekana ry'abandura, na yo Papouasie Nouvelle Guinee ikaba igihugu giteye impungenge.

Mu gihe ibihugu - nk'Ubwongereza na Israel- bimaze guha incanco abanyagihugu bavyo benshi, ibindi bihugu vyinshi biracarindiriye incanco vyatumyeko ko zishika.

Ivyo bituma haba ukugabisha kw'iyongerekana ry'ubusumbasumbane mu kwicandagisha - incanco zidasabikanywa neza hagati y'ibihugu bitunze n'ibikenye.