Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Sudan: Doze ibihumbi za AstraZeneca zarengeje igihe mbere yuko zikoreshwa
Abategetsi bo mu rwego rw'ubuvuzi muri Sudan y'epfo batangaje ko doze 60,000 z'urukingo rwa AstraZeneca rwa Covid-19, zari zatanzwe nk'imfashanyo n'umuryango w'Ubumwe bw'Afurika (AU), zarengeje igihe mbere yuko zikoreshwa.
Mu kwezi gushize, iki gihugu cyari cyasubitse gutangira ikingira, kivuga ko hari ingorane zijyanye n'ibikoresho.
Ubu gukingira birimo gukorwa hifashishijwe izindi doze 132,000 zakiriwe mu kwezi kwa gatatu binyuze muri gahunda y'amahanga yo gusaranganya inkingo hagati y'ibihugu bikize n'ibicyennye, izwi nka Covax.
Dr Richard Laku, umutegetsi ushinzwe guhangana n'ibiza, yavuze ko n'iyo ikingira riza kuba ryaratangiye hakoreshejwe izo doze 60,000, batari kuba barangije kuzikoresha mbere yuko zirenza itariki yo kuba zakoreshejwe.
Abakozi bo mu rwego rw'ubuvuzi n'abageze mu zabukuru bose hamwe bagera hafi ku 2,000 bo mu murwa mukuru Juba, bamaze kubona doze ya mbere y'urukingo kuva ikingira ryatangira mu byumweru bibiri bishize.
Fabian Ndenzako, uhagarariye ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) muri icyo gihugu, yavuze ko bazerekera leta uburyo bwo kumena izo nkingo zarengeje igihe nibabisabwa.