Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK: Umwamikazi yashize ahabona ifoto akunda cane ari kumwe n'umuganwa Philip
Umwamikazi Eilzabeth II yashize ahabona imwe mu masanamu akunda cane ari kumwe n'umugabo wiwe yamaranye nawe imyaka 73, umuganwa Philip aherutse gusandaba akaba ashingurwa kuri uyu wa gatandatu.
Bafotowe bicaye mu twatsi mu kibanza c'iruhukiro kiri ahitwa Aberdeenshire, bakaba bafotowe n'umukazana wabo, Countess of Wessex mu 2003.
Uyu muganwa arihengetse, yishigikije inkokora, inkofero nayo yayishize kw'ivi.
Ashingurwa mu masaha ari imbere kuri uyu wa gatandatu, mu ngoro iri ahitwa Windsor.
Abana biwe baza kugendera inyuma y'imodoka itwaye ikiziga ciwe.
Mw'iyi sanamu yafashwe ku musi hari izuba ryinshi, Umwamikazi n'umugabo wiwe, Umuganwa Philip, berekanwa bariko basama akayaga batwengera umukazana wabo Sophie Rhys-Jones yariko arabafotora.
Mike Tindall asanzwe yubakanye n'umwuzukuru wabo Zara Tindall, arashimagiza Umuganwa Philip avuga ko "ari umuntu yitangiye umuryango".
Uyu yahoze ari umukinyi wa rugby mu Bwongereza yashize isanamu yy'umuganwa Philip ku rubuga rwa Instagram, isanamu yakuye mu gitabu c'amafoto (album) y'umuryango w'Umuganwa Philip, ari kumwe n'umukobwa mukuru wa Tindall, Mia.
Iyi foto yafashwe n'umuganwakazi wa Cambridge, yerekana Mia ariko asangira na sekuruza wiwe bicaye hanze ku ntebe y'igiti.
Tindall ati: "Turi mu ndwi y'umubabaro ariko yaduhaye akaryo ko kwibuka kahise kiwe".
Haciye indwi zitatu umugore wa Tindall yibarutse umwana wiwe wa gatatu, umuhungu yise Lucas Philip, amazina arimwo izina ry'umuganwa n'irya se wa Tindall.
Kuva Umuganwa Philip asandavye ku myaka 99, abatari bake mu muryango w'ibwami bagiye bashira ahabona amasanamu atari bwigere ashirwa ahabona.