Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cyprien Ntaryamira: Abasigwa n'abapfanye n'umukuru w'igihugu bababajwe n’uko ata muco uraboneka
Ishirahamwe AVOD rihuriyemwo impfuvyi n'abapfakazi b'abategetsi bagiye baragandagurwa mu ndyane zagiye ziba mu Burundi basaba ko haba itegeko ribaha uburenganzira bwo kubandanya bafatwa mu mugongo na reta.
Bavuga ibi mu gihe kuri uyu wa 06 ukwezi kwa kane Uburundi bwibuka imyaka 27 irangiye umukuru w'igihugu Cyprien Ntaryamira apfiriye mu gitero c'ibisasu ku ndege yarimwo, cabereye i Kigali mu Rwanda.
Prezida Cyprien Ntaryamira w'Uburundi yari mu ndege ya mugenziwe w'Urwanda Juvenal Habyarimana bavanye mu nama i Dar Es Salaam muri Tanzania.
Mu bari mu ndege, barimwo n'abashikiranganji babiri ba reta ya Ntaryamira, nta n'umwe yarokotse.
Abo bashikiranganji bari Bernard Ciza yari ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu na Cyriaque Simbizi yari ajejwe kumenyesha amakuru.
Adele Ahishakiye arongoye iryo shirahamwe avuga ko imiryango y'abasigwa ibayeho mu buzima atari bwiza, kandi mbere ko usanga n'ubutegetsi butabitaho.
Mw'itangazo ryaraye risohoye buca bibuka urupfu rwa Perezida Ntaryamira, AVOD ivuga ko ari ibintu bibabaje kubona gushika ubu ata muco uraboneka kuri ico gitero.
Riti: "Ishirahamwe AVOD rirababazwa n'ukubona imyaka 27 iheze inyuma y'ico cago Abarundi bose muri rusangi, na cane cane imiryango y'ababuze, batararonka umuco ku vyabaye".
Ukuri kuzomenyekana
Umupfasoni Ahishakiye yabwiye BBC ko afise icizere ko impera n'imperuka hazoteba hakaba ubutegetsi buzofata ibintu mu minwe maze ukuri kukamenyekana.
Umupfasoni Ahishakiye avuga ko imiryango isigwa n'abo bari kumwe na Perezida Cyprien Ntaryamira, ari bo Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi isa n'iyibagiwe.
Ati: "Benshi usanga bifumbereje umengo ntibakibaho. Nivyo ko intatemwa zabo ziri kumwe n'iz'abandi, ariko imiryango yabo ntifashwe nk'uko yategerezwa gufatwa".
Hagati aho, arashima ingene abategetsi bagerageza kubaba hafi "turavye ibihe igihugu caciyemwo", ariko avuga ko hari hakenewe ikintu canditse kibaha uburenganzira bugaragara nk'abasigwa b'abakoreye igihugu.
Ati: "Urashobora kwumva ko umengo ufashwe mu mugongo, mugabo mu gihe ata tegeko rigenga iyi mfashanyo, umengo n'utwo baguha bariko batugufashisha kugira ngo utekereze.
"Dushaka ko haba itegeko ryanditse ryerekana ingene abo basigwa bazofatwa kugira ngo n'aho ubutegetsi bwohinduka itegeko ribandanye rikora ntibibe ivyo gutangura gushasha".
Gushika ubu hagumye impari ku boba bararashe iyo ndege y'umukuru w'igihugu c'Urwanda, igikorwa gifatwa na benshi nk'uko ari co cabaye imbarutso y'ihonyabwoko ryaciye riba muri ico gihugu.