AstraZeneca: Ubugenduzi bw'Uwongereza na EU ku kuvurirana kw'amaraso ryasanze ata ngorane

Abagenduzi bo mu Bwongereza (UK) hamwe n'ishirahamwe rya Buraya (EU) basanze ata kimenyetso na kimwe cerekana ko urukingo rwa Covid, AstraZeneca, rutera kuvurirana kw'amaraso (coagulation du sang) nyuma "y'ukwihweza kwitondewe cane".

Ikigo MHRA gikora ubugenduzi bw'imiti mu Bwongereza na EMA gikora ubugenduzi muri EU bivuga yuko abantu bashobora kugirira icizere inyungu z'uru rukingo kandi ko bakwiye kwikingiza, naho hari ibihugu vyaruhagaritse.

Ariko uwo wese agize umutwe umurya ukamara iminsi ine nyuma yo guhabwa urukingo ngo akwiye guca aja kwa muganga, nk'uburyo bwo kwiyubara.

Impanuro niyo nyene kuri uwo wese yogira umuraba ku mubiri nyuma yo guterwa urushinge.

Ivyo ni kubera yuko abagenduzi baronse amakuru amwe atari menshi y'ibishika gake cane aho haba ukuvurirana kw'amaraso mu Bwonko.

Ni ubu bwoko bw'ukuvurirana kw'amaraso kwatumye ibihugu bimwe vyo muri EU bihagarika itangwa ry'urukingo rwa Oxford-AstraZeneca.

Mu Bwongereza, abantu batanu nibo bafashwe n'ukuvurirana kw'amaraso kuzwi nka cerebral sinus vein thrombosis (CSVT), mu bantu imiriyoni 11 batewe urwo rukingo, bishika mu magabo bafise imyaka iri hagati ya 19 na 59. Umwe gusa niwe yahasize ubuzima.

Ikigo EMA caronse amakuru y'abandi bantu 13 bashikiwe na CSVT.

CSVT ishobora gushika bukwi kandi nta sano n'urukingo ryigeze rigaragara. Abo bantu kandi bari bafise uturemangingo tw'amaraso (tuzwi nka blood platelet) duke - utwo turemangingo nitwo tugira uruhara mu kuvurirana.

Ubwandu bwa Covid burashobora gutuma gushikirwa n'ukuvurirana bishoboka cane.

Muganga June Raine, umuyobozi-nshingwabikorwa wa MHRA, yavuze yuko abagenduzi bazobandanya gukurikiranira hafi uko vyifashe kandi ko abantu bari bakwiye gukingirwa nibashikirwa.

Yagize ati: "Uravye ukuntu gushikirwa n'ibi bibazo bisa n'ibidashoboka, inyungu z'urukingo AstraZeneca, mu gihe ibiharuro biheruka vyerekana ko rugabanya kuja mu bitaro ku rugero rwa 80% hamwe no guhitanwa na Covid, izo nyungu zirengeye kure ingorane iyo ari yo yose yoshika."

Amakuru atangwa kuri uru rukingo azovugururwa hongerwemwo yuko kuvurirana kw'amaraso bishoboka gake cane.

Umuyobozi nshingwa-bikorwa wa EMA, Emer Cooke yagize ati: "Dufatiye kuri ibi bishobora gushika gake cane hamwe no guha amakuru abakora mu vy'amagara co kimwe n'abantu bakingirwa bizofasha kurereka no guhagarika ingaruka izo ari zo zose."

Ubugenduzi bwa EMA bwisunze amakuru yavuye ku bantu imiriyoni 20 bakingiwe, bwasanze:

  • inyungu z'urukingo mu kurwanya indwara ya Covid-19 ikigwiriye henshi - iyo ndwara nyene ikaba itera ivurirana ry'amaraso rishobora no guhitana umuntu - ziruta kure ingaruka zindi zoshika
  • uru rukingo nta sano rufitaniye n'ukwiyongera muri rusangi kw'uguhakwa kugira ivurirana ry'amaraso (thromboembolic) ku bantu baruhawe
  • nta bimenyetso vy'ingorane zitewe n'imigwi kanaka y'uru rukingo canke uruganda kanaka rwahinguriwemwo
  • uru rukingo rurashobora kugirana isano ku buryo bushika gake cane n'ukuvurirana kw'amaraso mu bwonko mu dutsi dutandukanye tuyobora amaraso (bizwi mu congereza nka disseminated intravascular coagulation canke DIC)

Ico kigo cavuze yuko ibimenyetso bikurikira bigaragaye nyuma yo guterwa urushinge, mu buryo bwo kwiyubara umuntu akwiye guca aja kwa muganga:

  • guhemagirika
  • ububabare mu gikiriza canke munda
  • kuvyimba canke kwumva imbeho ku kuboko canke ukaguru
  • kuribwa umutwe bikabije canke vyiyongera canke kutabona neza nyuma yo guhabwa urukingo
  • kuvirirana vy'urutavanako
  • imiraba myinshi mito mito, uduhere tw'ibara ritukura, canke utuvyimba tw'amaraso munsi y'urukoba

Ibi birashobora gushika gake cane kandi biratandukanye n'ibimenyetso bisanzwe umuntu yokwitega iyo yakingiwe, nko kworoha kw'igice c'umubiri cateweko urushinge.