Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Woba uzi akamaro k'ubwoya ku bice vyinyegeje vy'umubiri?
Ubwoya bumera mu bice bitandukanye vy'umubiri w'umuntu, akamaro kabwo kakavana n'aho bwameze nk'uko vyerekanwa n'ubushakashatsi butandukanye.
Akarorero, umushatsi ku mubiri w'umuntu umera mu mutwe, ubwanwa ku munwa, ingohe ku maso, ubwoya mu matwi, mu zuru hamwe no ku bice vy'irondoka.
Hafi ibice vyose vy'umubiri w'umuntu vyuzuyeko ubwoya, ariko ku bihimba bimwe bimwe, ubwo bwoya ni buke, ntibunashoka buboneka, mu gihe ahandi ari bwinshi bivanye n'uturemangingo tw'umuntu, igitsina n'ubwoko avamwo.
Muri iyi misi, ubwoya bugenda bugira akamaro gakomeye mu buzima bw'ikiremwa muntu mu nzira nyinshi, harimwo gutanga akazi ku basuka imishatsi y'abagore.
Ku mpande zose z'isi, imishatsi irakoreshwa mu kwishariza no mu kwigira mwiza.
Ibi vyatumye benshi batangura kugerageza kuyikoresha mu kwerekana ico batumbereye canke akazi bakora; nk'akarorero hari nk'abakina umupira w'amaguru, abaririmvyi, abakinyi b'amareresi n'abandi... umenyera ku buryo baba bamoye imishatsi canke uko bayisokoje.
Imishatsi ishobora gutuma utandukanya abagabo n'abagore, abakiri bato n'abatama.
Kuri bamwe imishatsi iboneka nk'ubwishime n'ubwiza, kubera ivyo, abantu bimwesha mu buryo butandukanye mu kwerekana iyo bava n'imico yabo.
Imishatsi itwara uburyo bwinshi cane mu kuyihindura, kuyisiga irangi hamwe n'ibindi. Mw'iki gihe abantu barakoresha imishatsi mu kwerekana aho baturuka, idini, inyifato n'uko babona ibintu.
Ariko ikintu gikomeye ubwoya bumaze ku mubiri ni ugukingira umuntu mu buryo butandukanye.
1.Ubwoya
Abandi bahinga baragize ubushakashatsi berekana n'ibiharuro bigaragaza akamaro k'ubwoya ku mubiri w'umuntu abenshi batazi.
Basigura ko ubwoya bukingira urukoba bivanye n'aho abantu baba, bukakira ubutumwa vyihuta bukabushikana vyihuta mu bwonko bw'umuntu igihe cose hagize ikimugeramira.
Dr Woru Baba Goni, umuyobozi mukuru wa kaminuza y'ubuvuzi mu buraruko bwa Nigeria, yabwiye BBC ko ubwoya ari ngirakamaro mu kugira urukoba/uruhu rumeze neza no mu kurinda ingwara.
Avuga kandi ko umubiri ugira ubwoya kubera bufasha kubika ubushuhe mu gihe c'imbeho.
2. Imishatsi yo mu mutwe
Umushatsi urakinga ibikomere igihe umuntu yaborewe, ukanazana ubushuhe mu gihe hakanye cane.
Umushatsi ni bwo bwoya bwinshi kurusha ubundi bwose buri mu bice bitandukanye vy'umubiri.
Nk'uko Dr Woru Baba Goni yabibwiye BBC, umushatsi urakinga ubushuhe n'imbeho kandi urakinga gukomereka.
Yagize ati: "Ni urukingo rudasanzwe rw'umubiri wo mu mutwe igihe hagize ikigushikira giturumbuka, kandi uragabanya ububabare. Uragabanya kandi ubushuhe buvuye ku mishwarara y'izuba ishobora kubangamira umwana."
3. Ubwoya bwo mu matwi
Ubwoya bwo mu matwi y'abantu buzibira ivumbi hamwe n'iyindi micafu kwinjira mu mubiri.
Ubwoya bwo mu gutwi kw'umuntu bufise akazi ko kuzibira ikintu cose c'umucafi canke ivumbi kwinjira mu nyumviro.
Ubwo bwoya buke bufasha kandi kwumva no kugenzura uko umuntu yiyumva.
4. Ubwoya bwo mu mazuru
Ubwoya bwo mu mazuru bufise akamaro kanini ko kuzibira intumuka n'iyindi micafu kwinjira mu mazuru.
Impwemu zinjira mu zuru ziba zirimwo imicafu amaso adashobora kubona.
Iyo micafu ishobora guca mu mazuru igashika mu mahaha hamwe no mu bindi bice vy'umubiri w'umuntu, igashobora kwonona ibintu vyinshi.
Akamaro k'ubwoya bwo mu zuru, n'ukuzibira intumuka ngo ntiyinjire mu mazuru.
Dr Goni yabwiye BBC ko akamaro k'ubwo bwoya ari ukuzibira imicafu iri mu mpwemu kwinjira mu mubiri.
Ubwo bwoya bubuza imicafu itagaragara ku maso y'abantu kwinjira iciye mu mazuru gushika mu mahaha canke mu nda, aho iheza ikonona ibintu vyinshi.
5. Ingohe
Ingohe zikingira amaso imishwarara y'izuba, intumuka hamwe n'iyindi micafu iyo ari yo yose.
Ingohe zifise akamaro kanini cane ku kungene amaso y'umuntu aboneka, uretse kumurinda intumuka n'iyindi micafu kwinjira mu maso vuba na vuba, nk'uko abahinga babivuga.
Ubwo bwoya bufasha umuntu kwirinda izuba no gutuma amaso aguma asukuye.
Burakingira amaso amazi y'imvura canke icuya, kugira umuntu agume abona neza.
6. Ubwoya bwo mu bice vy'irondoka.
Ubwo bwoya bufasha kudakoranako cane kw'umubiri vyohava bituma haba ububabare hamwe n'ubundi buryi butuma umuntu yiyagaza.
Ivyo bishika igihe c'amabanga mpuzabitsina, ubwo bwoya bugaca bukingira urukoba.
Abahinga bavuga kandi ko bufasha mu gukinga ingwara ya 'infection' gushika mu gihimba c'irondoka c'abagore.
Abahinga kandi nka Dr Woru Baba Goni bavuga ko ubwoya bwo mu bice vy'irondoka vy'abagore bufasha mu kubakingira imicafu hamwe n'izindi ngwara.
Mu gihe ubwoya buri mu bihimba vy'irondoka bukuze, kubumwa rimwe na rimwe birafasha mu kugirira isuku umubiri nk'uko bishikirizwa na Dr Goni.
Mu gihe bamwe bareka ubwo bwoya bukaba bwinshi, abandi bahitamwo kuza barabugabanya igihe bukuze.
7. Ubwanwa
Ubwanwa co kimwe n'ubundi bwoya bw'umubiri bufasha gukingira umubiri imishwarara myinshi y'izuba ishobora gutera n'indwara ya cancer.
Ubwanwa burakeneye isuku kubera bubangamirwa n'imicafu.
Nk'uko gusukura umubiri w'umuntu ari ngombwa mw'idini, ku buvuzi no mu mico, biranakenewe gusukura ubwoya, na cane cane ubwinyegeje hirya no hino ku mubiri.