Uwutembereza Bulldog za Lady Lady Gaga yarashwe nazo ziribwa

Lady Gaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gaga rimwe na rimwe araherekezwa n'imbwa ziwe mu birori vyo guhabwa udushiwe canke kwerekana ubwa mbere cinema akinamwo
    • Umwanditsi, Na Mark Savage
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bijanye n'umuziki

Imbwa zibiri zo mu bwoko bwa bulldog zo mu Bufaransa za Lady Gaga zaribwe ku wa gatatu, inyuma y'aho umuntu yitwaje inkoho arasiye uwari asanzwe azitembereza i Hollywood muri Los Angles.

Umugabo akekwa yarasishije inkoho yo mu ntoki uwutembereza imbwa, w'izina rya Ryan Fischer nk'uko biri mu binyamakuru vyo muri Amerika, imbere y'uko atungwa n'ayo yameze n'izo mbwa.

Uwarashwe yajanywe kwa muganga atawuzi uko amerewe, nk'uko igipolisi ca Los Angeles cabibwiye BBC.

Lady Gaga yemeye agashimwe k'uwomugarukanira imbwa ziwe, Koji na Gustav.

Bulldog igira gatatu, yitwa Miss Asia yarirutse mu nyuma itorwa n'abapolisi.

Gaga, ubundi izina ryiwe ry'ukuri ari Stefani Germanottay, ubu ari i Roma akora cinema nshasha ya Ridley Scott,Gucci.

Uwumuserukira ku binyamakuru yavuze ko umuntu wese yoba afise inkuru y'ahoba hari izo bulldog yobimenyesha kuri email [email protected] ata ''bibazo bibajijwe".

Agaciro kanini

Igipolisi ca Los Angeles cemeje ko kiriko kirarondera umuntu ''ashobora kuba yikekwa'' yavuye aho vyabereye mu muduga wera mw'ibarabara rya North Sierra Bonita Avenue aja Hollywood Boulevard.

Ntibizwi neza niba imbwa za Lady Gaga zari zigambiriwe vy'umwihariko muri ico gitero.

Lady Gaga na bulldog yiwe, Miss Asia

Ahavuye isanamu, Lady Gaga / Instagram

Insiguro y'isanamu, Bulldog igira gatatu, Miss Asia (aho kw'ifoto) yo yarahunze ataco ibaye

Bulldog zo mu Bufaransa n'ubwoko buronderwa cane muri Amerika, ikibunda kimeze neza kikaba kigurwa ama dolari 2000 ufatiye hagati na hagati. Gaga arazwi kuba akingira cane imbwa ziwe zamuherekeje mu birori vya American Music Awards no mu giteramo ciwe ca Super Bowl mu 2017.

Imwe muri zo, Miss Asia, mbere go iranafise urubuga ruzwi kuri Instagram.