Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuserukizi bwa US muri Tanzania bugabisha ko abandura Covid-19 bariko biyongera
Ibiro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Tanzania biragabisha ko ibitigiri vy'abandura ca kiza karanda ca coronavirus biriko biriyongera.
Mw'itangazo ivyo biro vyacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwavyo, ivyo biro bivuga ko bifise amakuru yerekana ko ibitigiri vy'abandura iki kiza bigenda vyiyongera kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka.
Bisaba ikigo kijejwe gucungera no gukinga indwara ca Amerika (Centers for Disease Control and Prevention) kubuza ingendo zose z'abashaka kuja muri Tanzania.
Reta ya Tanzania yoyo ibandanya ivuga ko ata kiza ca coronavirus gihari, n'aho Prezida John Pombe Magufuli yavuze ko hari abanyagihugu bagiye mu mahanga kwiteza incanco bagaruka mu gihugu banduye ubundi bwoko bw'umugera.
Reta y'iki gihugu yamirira kure incanco za Covid-19.
Iri tangazo rigabisha ko "mu gihe reta ya Tanzania iheruka gutangaza ingene ibintu vyifashe ku bijanye na Covid-19 mu kwa kane 2020, nta ngingo ziboneka zo guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera".
Amerika igabisha ko umwanya n'umwanya ibitaro n'amavuriro muri ico gihugu bishobora kurengerwa.
Mu gihe hasanzwe hariho ibigo bipima coronavirus muri Tanzania, Amerika igabisha ko hari igihe inyishu zitaboneka ku mwanya utegekanijwe, canke ntizinaboneke bikaba ngobwa ko abapimwe basabwa gusubira kwipimisha haciye imisi.
Ubu buserukizi bugabisha ko hari ingenzi ziva muri Tanzania zipimwa, ibipimo bikerekana ko batanduye ariko bashitse iyo bagiye basubiye gupimwa bagasanga baranduye.
Muri Tanzania, hari ibigo bitandukanye bigenda bifata ingingo zo gukinga ikwirakwira ry'uwu mugera binagabisha abantu bavyo kuri iki kiza.
Ku wa kabiri w'iyi ndwi, kaminuza ya Sokoine yigisha ibijanye n'uburimyi (SUA) yasohoye itangazo aho igabisha abanyeshuri n'abakozi ko borikanura kugira birinde coronavirus.
Eka na kaminuza Open University yarasohoye itangazo isaba abantu gufata ingingo zo kwirinda kwandura n'ukwanduzanya.
Hagati aho, iri tangazo ryarafuswe n'ubushikiranganji bw'indero buvuga ko riteye kubiri n'ingingo ngenderwako zatanzwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Mu kwezi guheze, Ekleziya Katorika muri Tanzania yaragabishije abanyagihugu ibasaba gufata ingingo zo kwirinda ubundi bwoko bwa corona buvugwa mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika.
Hagati aho, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu ntibumenyesha nimba hari abanduye ubu bundi bwoko bwa coronavirus canke nimba hari imaze guhitana.
Haraciye imisi ubushikiranganji bw'amagara y'abantu butangaje ko ata Covid-19 iri muri Tanzania, kandi ko ata ncanco ikeneye, ahubwo buhimiriza abanyagihugu gukoresha imiti kama.