Tanzania: Prezida John Pombe Magufuli nta kiringo ca gatatu akeneye - CCM

Umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania (CCM) wiyamye ibikomeje gusabwa n'abashingamateka bawo ko prezida John Pombe Magufuli yokwongerwa ikiringo co gutwara igihugu.

Umunyamabanga ajejwe kumenyekanisha umugambwe Humphrey Polepole yabwiye inama nshingamateka ko Magufuli ata mugambi afise wo kuguma ku butegetsi niyarangiza ikiringo arimwo gitegekanijwe n'ibwirizwa shingiro.

Prezida Magufuli ubu ariko aratwara ikiringo ca kabiri ari naco ca nyuma, yamara muri iyi minsi hari abashingamateka bashikirije iciyumviro c'uko ibwirizwa shingiro ryosubirwamwo kugira arekurirwe gutwara ikiringo ca gatatu.

Polepole, nawe asanzwe ari umushingamateka yagenywe, yavuze ko ico kibazo camaze kurangira mu mugambwe kandi ko Magufuli ata ''migambi afise yo kuguma ku butegtetsi'' birenze ibiringo bibiri vy'imyaka itanu itanu bitegekanywa n'ibwirizwa shingiro.

Yagize ati: ''Iki ni ikibazo camaze kurangira mu mugabwe… ariko nta bubasha mfise bwo kubuza abashingamateka gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu nama nshingamateka."

Vyabaye ngombwa ko avuga kubera umushingamateka yari abajije niba umugambwe uri ku butegetsi ushigikiye abasaba ko ibiringo vy'umukuru w'igihugu vyongerezwa.

Prezida Magufuki ubwiwe aramaze kuvyiyamiriza mu kiringo ciwe ca mbere aho yavuze ashimitse ati : ''Sinzorenzako n'umunota umwe ku biringo (vy'umukuru w'igihugu).''