Ethiopia: Antony Blinken wa reta ya US baganiriye na Abiy Ahmed ku kibazo ca Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika yaganiriye n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia ku kibazo ca Tigray.
Antony Blinken yerekanye amakenga ku kungene ibintu vyifashe mu karere ka Tigray mu biganiro bagiranye na Abiy Ahmed.
Blinken yahamagariye Abiy kureka imfashanyo zigashika muri ako karere mu ntumbero yo guhagarika ko abantu baguma bapfa.
Yanavuze ko Amerika ishigikiye ibikwiye guhinduka muri Ethiopia hamwe n'amatora.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yashimiye umunyamabanga wa reta ya Amerika "kuba bashigikiye ibiriko birahinduka muri Ethiopia kandi bakaba babibandanya ata kudebukirwa".
Ku rubuga rwa Twitter, Abiy yagize ati: "Icipfuzo co gutsimbataza demokrasi no kwubaka igihugu kirangwamwo amahoro n'iterambere kuri bose, bishoboka biciye mu gutsimbataza ubucuti hagati ya Ethiopia na Amerika."
Abasirikare bo mu karere ka Tigray batanye mu mitwe n'aba reta ya Ethiopia mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi barahunze iyo ntara hanyuma amashirahamwe na yo atanga imfashanyo ntarashobora gushika muri ako karere.










