Uganda: Umugambwe wa Bobi Wine watanze ibirego muri sentare nkuru

Kuri uyu wa mbere, umugambwe utavuga rumwe na reta muri Uganda, NUP, witwaye uhakana ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye itariki 14 z'ukwezi kwa mbere mu 2021.

Muri ayo matora, prezida Museveni ni we yatahukanye intsinzi n'amajwi 58.38 mu gihe uwo bari bahanganye Robert Kyagulanyi yaronse amajwi 35.08.

Umugambwe wa NUP wamenyesheje ko uyu musi uza gutanga ibirego muri sentare nkuru ya Uganda.

Mu gisata c'ubutungane bariyamiriza inkuru zakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zivuga ko sentare nkuru yanse kwakira ivyo birego.

Icegera c'umunyamabanga mukuru w'umugambwe wa NUP, John Nambesh asanzwe ari n'icegera c'uwurongoye intara yo mu buseruko, avuga ko bafise ivyemeza bikwiye vyo kwerekana ko amatora aheruka yabayemwo ubusuma.

Abandi bari bitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu na bo nyene bariyamirije ku mugaragaro ivyayavuyemwo, harimo Patrick Amuriat w'umugambwe wa FDC, Gen Mugisha Muntu wo mu mugambwe wa ANT, Norbert Mao wa DP hamwe n'uwitoza ku giti ciwe Gen Henery Tumukunde.

Abantu 11 baritoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa mbere, aho prezida Museveni yatangajwe ko ari we yatahukanye intsinzi, aba aronse akaryo ko kubandanya gutwara igihugu ca Uganda mu kiringo kigira gatandatu.