US: umuporisi w'umwirabure yankiwe guhambwa mw'itongo ry'abapfuye rigenewe abazungu gusa

Ahavuye isanamu, CBS
Abarongoye itongo ry'abapfuye riri i Louisiana muri Amerika barasaba imbabazi inyuma y'aho umuporisi w'umwirabure yankiwe kurihambwamwo kubera itegeko rimaze imyaka mirongo ritegeka ko abazungu bo nyene ari bo bafise uburenganzira bwo kurihambwamwo.
Vyabaye ngombwa ko abarongoye iri tongo ryitwa Oaklin Springs bicara ku wa kane kugira ngo bahindure iri tegeko ryiswe "white human beings" (Abazungu) riha uburenganzira abazungu bo nyene kurihambwamwo.
Umupfakazi asizwe n'uyu muporisi Darrell Semien avuga ko ari "akagaye" kwimwa uburenganzira bwo guhamba umuntu wabo "kubera ari umwirabure".
Uwurongoye iri tongo avuga ko batari bazi iri tegeko "ry'agahomerabunwa".
Semien w'imyaka 55 yari icegera c'umukuru w'igiporisi c'akarere yaba ahitwa Oberlin, igisagara kiri ku birometero 320 mu burengero bw'igisagara ca Nouvelle-Orléans (New Orleans). Yishwe na kanseri ku wa Mungu.
Igihe umusigwa wiwe Karla Semien n'abana biwe bari bagiye gusaba ikibanza co kumuhambamwo kw'itongo rya Oaklin Springs, umukozi yababwiye ko ryari itongo "rihambwamwo abazungu gusa".
Umupfasoni Semien yanditse ku rubuga rwa Facebook ati: "Yari afise n'urukaratasi rwerekana ko abazungu bonyene ari bo bemerewe guhambwa aho hantu", yongerako y'uko ibi ari ibintu bigoye gutahura mu 2021.

Ahavuye isanamu, CBS
Umupfasoni Semien yabwiye ikinyamakuru CBS News ati: "Kari akagaye karenze urugero, agahomerabunwa. Kwari ukumukengereza. Iyumvire, ngo ntidushobora kumuhamba kubera ari umwirabure!"
Umukuru w'iryo tongo ry'abapfuye H Creig Vizena avuga ko iri tegeko ari "agahomerabunwa" kandi ari "iryo ubujuju", ari ho yaciye abwira ibinyamakuru vya Amerika ko ata muntu n'umwe mu bakozi biwe yari azi ivy'iri tegeko.
Ahanura n'abandi barongoye amatongo y'abapfuye mu karere k'ubumanuko kwihweza neza amategeko yabo kugira ngo barabe ko atoba arimwo amategeko y'ivangura ruhu asa n'iri.
Uyu mukozi yanse gutanga ikibanza co guhambamwo uyu mwirabure ni inasenge wa Vizena, umutamakazi w'imyaka 81 "yari yahagaritswe mu mabanga yiwe", nk'uko yabibwiye ikinyamakuru Atlanta Journal-Constitution co muri Atlanta.
Ibi bibaye inyuma y'imyaka irenga 50 kuva habaye itegeko ribuza ivangura iryo ari ryo ryose ( Civil Rights Act) muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Iri tegeko ryemejwe mu 1964 ribuza ivangura iryo ari ryo ryose, rikaba ryafuse amategeko yitiriwe Jim Crow yategeka ivanguraruhu mu mareta yo mu bumanuko harimwo na Louisiana.
Semiens yari amaze imyaka 15 ari umuporisi w'akarere. nk'uko urwandiko ruvuga ubuzima bwiwe rubivuga. Yari atunze n'abandi bana bashika 72 mu kiringo c'imyaka 16.

Ahavuye isanamu, CBS
Umuryango wa Semien wanse iciyumviro ca Vizena yashaka kubaha ikibanza mu gace k'iryo tongo ripima imetero kwadarato zirenga 8000, bakavuga ko bopfuma bamuhamba ahandi, kure y'umuryango wabo.
Bavuga ko iyo bahamagaye ku yandi matongo y'abapfuye basaba aho bohamba Semien, ikibazo ca mbere biba ngombwa ko babaza ari: "Abirabure boba bemerewe guhambwa mu kaburi kawe?".










