Covid-19: Uganda yatanguye igerageza ry'umuti yikoreye

Perezida Museveni yerekana umuti wa Covid-19 bagiye kugerageza

Ahavuye isanamu, Live Event

Insiguro y'isanamu, Perezida Museveni yerekana umuti wa Covid-19 bagiye kugerageza

Uganda yatanguje icese ibikorwa vyo kugerageza umuti yikoreye yizeye ko ushobora kuvura ca kiza karanda ca Covid-19.

Uwu muti w'amazi wakozwe n'abahinga bo muri Uganda mu kuvanga imiti kama izwi cane muri ico gihugu.

Abantu barenga ibihumbi 40 baramaze kwandura uwu mugera kuva mu kwa gatatu umwaka uheze muri iki gihugu co muri Afrika y'Ubuseruko.

Ibi bikorwa vyo kugerageza uwu muti bigiye gukorerwa mu bitaro bikuru vy'igihugu vya Mulago ku mugwa mukuru wa Uganda.

Abazokoreshwa muri iri gerageza bose ni abantu bakuze basanzwe baranduye coronavirus kandi ku rugero rutandukanye.

Abantu barenga 120 ni bo bazokoreshwa mu gice ca kabiri c'igerageza, kigamije kwiga nimba uyu muti ata bibazo ushobora gutera - ariko cane cane - nimba koko ufise ubushobozi bwo kuvura Covid-19.

Mw'ijambo yashikirije igihe yariko amenyesha ibijanye n'iri gerageza, umwe muri aba bahinga bakoze uwu muti - wiswe UBV-01N - yavuze ko intambamyi ya mbere yabaye ukumenya nimba uwu muti w'amazi ushobora gushika mu maraso mu gihe ufashwe mu kunywa.

Perezida Yoweri Museveni avuga ko Abanyafrika badategerezwa kuzera inze iva mu bihugu vy'abazungu mu gutorera inyishu y'ikibazo ca Covid-19.

Vyitezwe ko inyishu zizoboneka inyuma y'ikiringo c'umwaka wose.

Umuti w'amazi wahaririweko cane wakorewe muri Madagascar - ukozwe mu catsi kama ca Artemisia mu mwaka uheze - wabonetse ko ata bushobozi ufise bwo kuvura uwu mugera.