Uganda: Bobi Wine avuga ko ubuzima bwiwe bubangamiwe inyuma y'intsinzi ya Museveni

Abasirikare hafi y'inzu ya Bobi Wine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare babonetse mu micungararo y'umuhana wa Bobi Wine atavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda

Bobi Wine aherutse kwitoreza kurongora Uganda afise ubwoba ko ubuzima bwiwe bushobora kubangamirwa inyuma y'amatora yo ku wa kane yatsinzwe na Yoweri Museveni.

Uyu munyamuziki yahindutse umunyapolitike yabwiye BBC ko yiyamirije "n'agasuzuguro bikwiranye" ivyatangajwe ko vyavuye mu matora.

Avuga ko yaranzwe n'utunenge twinshi ariko Perezida Museveni avuga ko yabaye amatora meza cane atari bwigere abaho.

Imyiyamamazo yaranzwe n'imishamirano yahitanye ubuzima bw'abantu.

Hasigaye umusi umwe ngo ayo matora abe, reta yugaye itumatumanako, ingingo yaneguwe n'abagenzuzi b'amatora.

Bavuga ko icizere mw'iharura ry'amajwi cagabanutse kubera imisi yaheze ata tumatumanako riri mu gihugu. Ejo ku wa gatandatu, umushikiranganji wa reta ya Uganda yabwiye BBC ko rigiye gusubira gukora vuba bwango.

Avugana na BBC kuri terefone, Bobi Wine yavuze ko afise ubwoba y'uko ubuzima bwiwe n'ubwo umugore wiwe bushobora guhungabanywa.

Avuga ko yankiwe kuva mu nzu mu gihe yari ikikujwe n'abajejwe umutekano.

Ati: "Nta n'umwe yemerewe gusohoka canke kwinjira mu nzu yacu. Eka n'abamenyeshamakuru bose - baba abo mu gihugu canke mpuzamakungu - bose bankiwe kuza kundaba hano muhira".

Bobi Wine avuga ko aserukira abakiri bato
Insiguro y'isanamu, Bobi Wine avuga ko aserukira abakiri bato

Ivyavuye mu matora biha Perezida Museveni w'imyaka 76 iyindi myaka itanu ari ku butegetsi nk'umukuru w'igihugu, amabanga ariko kuva mu 1986.

Eo ku wa gatandatu, umurwi ujejwe gutegura amatora watangaje ko Yoweri Museveni ari we yatsinze amatora yabaye ku wa 14 z'uku kwa mbere.

Yavuze ko yitabiriwe ku rugero rwa 57% ku bantu imiriyoni hafi 18 bari biyandikishije ngo batore.

Umukuru w'uyo murwi, Simon Mugenyi Byabakama yavuze ko amatora yabaye mu mahoro, aca asaba Bobi Wine gutanga ivyemezo vy'ivyo avuga ko yabayemwo ubusuma.

Amaze gutangazwa ko yatsinze ayo matora, Perezida Museveni yavuze ati: "Gutora hakoreshejwe imashini bituma ata busuma buhaba".

"Ariko gusa tugiye gukora amatohoza kugira tumenye ni bangahe batoye bakoresheje igikumu hamwe na bangahe bakoresheje gusa igitabo (register)".

Perezida Museveni agabisha kandi ko "badashobora kwihanganira abanyamahanga bivanga muri aya matora".

Umuryango w'Ubumwe bw'igihugu vya Buraya, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n'amashirahamwe atari make aharanira uburenganzira bwa muntu yarerekanye amakenga.

Uretse umurwi warungitswe n'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika, nta rindi shirahamwe mpuzamakungu rikomeye ryaungitse intumwa gukurikirana aya matora.

Yoweri Museveni ni nde?

Yoweri Museveni yashitse ku butegetsi ku munwa w'inkoho mu 1986, arongoye umugambwe National Resistance Movement (NRM).

Kuva ashitse ku butegetsi, Yoweri Museveni yamye abonwa n'abanya Uganda nk'umucunguzi kandi yazanye amahoro

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuva ashitse ku butegetsi, Yoweri Museveni yamye abonwa n'abanya Uganda nk'umucunguzi kandi yazanye amahoro

Kuva ashitse ku butegetsi, yamye abonwa n'abanya Uganda nk'umucunguzi kandi yazanye amahoro.

Yashoboye kuguma ku butegetsi igihe kirekire akoresheje amayeri menshi harimwo kwereka abantu ko atari we ata wundi, gutanga amabanga akoresheje ka mwana wa mama akayaha abo yishakiye bamworohereza, gucuvya abatavuga rumwe n'ubutegetsi, n'ibindi.

Bobi Wine we ni nde?

Iyi nyenyeri mu muziki wo mu mudiho wa rege (reggae) azwi cane n'abanywanyi biwe "nk'umukuru w'ababa mu buzima bubayabaye (ghetto)".

Umugambwe wiwe National Unity Platform (NUP), wakoze imyiyamamazo ku migambi ishingiye ku kuronsa abanyagihugu ibintu vya nkenerwa mu buzima nk'ibijanye n'amagara y'abantu, indero, amazi meza n'ubutungane.

Mu myaka irenga 20, indirimdo za Bobi Wine zibanze kuri ibi bintu, ivyatumye yirukirwa n'abantu benshi.

Yakuriye muri karitiye y'abantu babayeho mu buzima bubayabaye ya Kamwokya ku mugwa mukuru Kampala, ari naho yubatse studio yamenyekanye cane muri ino myaka.