Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
India: Umuriro wadutse mu bitaro wahitanye impinja cumi zari zihejeje kuvuka
Impinja cumi zari zihejeje kuvuka zaguye mu muriro wadutse ku bitaro vyo mu Buhindi mu gaturuturu k'uyu wa gatandatu mu gihe abakozi bihutiye guhunga icumba barimwo.
Abandi bana indwi bashoboye kurokoka imbere y'uko abajejwe kuzimya imicanwa bashika ku bitaro vy'akarere ka Bhandara mu ntara ya Maharashtra iri mu burengero bw'Ubuhindi.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Narendra Modi yavuze ko iryo sanganya "riteye agahinda".
Icateye uyu muriro gushika ubu ntikiramenyekana mu gihe amatohoza akibandanya.
Abarongoye ibi bitaro bavuga ko uyu muriro wadutse nk'isaha umunani z'ijoro.
Ibinyamakuru vyo muri ako karere bivuga ko utwigoro two kurokora izo nzoya twagiye kwankishwa n'ibiturika vyari muri ico cumba. Umuforomakazi yariko arakora avuga ko yatabaje abategetsi amaze kubona umwotsi wariko uva mu cumba gishirwamwo abana bahejeje kuvuka.
Pramod Khandate arongoye igisata co kubaga kuri ivyo bitaro yabwiye abanyamakuru ati: "Abayobozi b'ibitaro bashoboye kurokora abana indwi ariko cumi bapfiriye muri iryo sanganya ribabaje".
Iri sanganya ryababaje abategetsi b'Ubuhindi.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, umushikiranganji wa mbere Modi yanditse ahoza imiryango yabuze.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubuhindi, Amit Shah, avuga ko afise "umubabaro atabona ingene yowuvuga".
Eka n'umushikiranganji wo kwivuna abansi na we nyene Rajnath Singh avuga ko "yababaye cane", anahoza imiryango yabuze.