U Rwanda rurababajwe n’icegeranyo c’abahinga ba ONU muri DR Congo

Reta y'u Rwanda ivuga ko ibabajwe n'utunenge turi mu cegeranyo c'umurwi w'abahinga ba ONU kivuga ko ingabo zarwo zabonetse mu bice bitandukanye mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.
Mu rwandiko rwaraye rusohowe nijoro ku wa gatanu, reta y'u Rwanda yamirira kure ibiri muri ico cegeranyo co ku wa 23 z'ukwezi ka cumi na kabiri guheze, igashimangira ko "ata basirikare b'u Rwanda bari ku butaka bwa Congo, kandi ko ata bikorwa vya gisirikare biherutse guhuza igisirikare c'u Rwanda n'ica Congo".
Iki cegeranyo gishasha c'abahinga ba ONU kivuga ko amatohoza bakoze yerekana ibikorwa vy'ingabo z'u Rwanda n'iz'Uburundi muri ako karere ka Congo.
ONU ivuga ko kwivanga kw'ingabo z'ikindi gihugu mu bikorwa vyo kurwanya inyeshamba muri DR Congo hatamenyeshejwe komite ya ONU biteye kubiri n'amategeko.
Muri uru rwandiko, reta y'u Rwanda ivuga ko uyu murwi w'abahinga ba ONU wirengagije amakuru ngirakamaro n'insiguro vyatanzwe na reta y'u Rwanda, mu gihe bari "bahawe uburenganzira bwo gushikira inzego zitandukanye za reta, banoroherezwa kuvugana n'ivyabona kandi banahabwa n'inyishu ku bibazo vyose babajije".
Reta y'u Rwanda ibona ko uyu murwi ata bwigenge ufise mu vyegeranyo vyawo, mbere ko abawugize bafata minenerwe amabanga yabo.
U Rwanda ruvuga ko rushimishwa n'imigenderanire myiza irangwa hagati yarwo na Congo mu bisata bitandukanye, harimwo n'ugufashanya mu vya gisirikare, ariko bikagarukira gusa, nk'uko iri tangazo ribivuga, "ku guhanahana amakuru ku mirwi y'inyeshamba iri mu buseruko bwa Congo, itera umudugararo mu bihugu vyompi".
Reta y'Uburundi yoyo ntaco irashikiriza kuri iki cegeranyo gishasha c'aba bahinga ba ONU kivuga ko hari ingabo z'u Burundi n'Imbonerakure babonetse mu duce twa Fizi na Uvira mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko hagati y'ukwa 11/2019 n'ukwa 07/2020.
Hagati aho, mu kwa kane kw'umwaka uheze, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi Jean Claude Karerwa yabwiye BBC mu butumwa bwanditse , ata basirikare b'Uburundi bari mu kindi gihugu mu buryo butazwi.










