Tanzania: abantu batatu bapfuye 66 barakomereka mw’isanganya ry’itereni

Itereni

Ahavuye isanamu, TRC

Abantu batatu nibo baraye bapfuye abandi 66 barakomereka mw'isanganya ry'itereni yunguruza abantu ryabaye nijoro mu ntara ya Dodoma muri Tanzania.

Ishirahamwe rijejwe itereni muri Tanzania, TRC, rivuga ko mu bapfuye harimwo umwana hamwe n'abantu bakuze babiri.

Itangazo ryasohowe n'iri shirahamwe, rivuga ko iyo tereni yari ivuye i Dar es Salaam ija mu ntara za Tabora, Katavi (Mpanda), Kigoma na Mwanza, ikaba yari itwaye abantu 720.

Umukuru w'iri ishirahamwe TRC, Masanja Kadogosa, avuga ko icateye iri sanganya kitaramenyekana, akavuga ko amatohoza abandanya.

Iri tangazo rivuga ko iyo tereni yari ifise amabehewa 12, atandatu muri yo akaba ari yo yagize isanganya.

Ryabereye mu karere ka Bihi kari ku birometero hafi 40 uvuye ku mugwa mukuru w'intara ya Dodoma, hamwe no ku birometero 508 uvuye i Dar es Salaam.

Sibwo bwa mbere haba amasanganya nk'ayo muri Tanzania. Mu 2002, isanganya nk'iri muri ico gihugu nyene ryahitanye abarenga 280, hari ku wa 24 z'ukwa mbere, igihe itereni yari itwaye ingenzi zirenga 1200 yagongana n'iyitwara imizigo.