Impanuka y'itereni yishe 22 muri Taiwan benshi barakomereka

Aho isanganya ryabereye

Ahavuye isanamu, TAIWAN RAILWAY ADMINISTRATION / HANDOUT

Insiguro y'isanamu, Ibikorwa vy'ubutabazi birabandanya mw'ijoro

Niburiburi abantu 22 bapfuye abanti 170 barakomereka igihe itereni itereye inzira, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Taiwan.

Abarongoye igisata c'indarayi bavuga ko batanguye itohoza ryo kumenya icateye iyo mpanuka, yabereye ahitwa Yilan County isaha 16:50 zo muri ako karere ku munsi wa Mungu.

Abantu 366 nibo bari muriyo tereni yarivuye ahitwa Taipei igiye Taitung mu buseruko bw'intara, igihe ivyumba vyose vyayo ukwo ari umunani bitembeye.

Ikinyamakuru ca Taiwan, "Taiwan's Central News Agency" kivuga ko hari abantu mirongo boba bagikwamiye munsi y'iyo tereni.

Itereni Puyuma Express 6432 yavuye ku nzira y'indarayi yegereje igituro ca Xinma, hafi y'igisagara ca Su'ao, ku birometero 70 uvuye Taipei.

Icegera c'uwurongoye igisata c'inzira y'indarayi "Taiwan Railways Administration", Lu Chieh-shen, yabwiye abamenyeshamakuru ku wa Mungu ko iyo tereni yarimaze imyaka itandatu iguzwe kandi ko yari ikomeye cane.

Ntawuramenya icatumye ita inzira, ariko abantu bari begereye aho iryo sanganya ryabereye bavuze ko bumvise urwamo runini, babona amasase n'umwotsi.

Abatabazi bariko barafasha abakomeretse, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bukavuga ko bwarungitseyo abasirikare 120 gufasha mw'ico gikorwa.

Bamwe mu bari muri iyo tereni bavuga ko vyabaye ngombwa ngo bamene amadirisha y'ivyumba kugira basohoke, abantu mirongo bakomeretse ngo bakaba bajanywe mu bitaro.

Ivyumba vyaguye vyafotowe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi buvuga ko ivyumba bitanu ku munani vyagwiriye urubavu

Umumenyeshamakuru w'itororokanirizo ry'amakuru AFP yari aho isanganya ryabereye, yavuze ko yabonye ibiziga vyinshi bikugwa muri ivyo vyumba vyononekaye isaha 20:00 ku wa Mungu mw'ijoro.

Amakuru avuga ko umwe mu bapfuye ari umunyamerika.

Uwurongoye Taiwan, Tsai Ing-wen, yavuze kuri Twitter ko ari impanuka mbi cane.

"Nifadikanije n'abagize ivyago hamwe n'imiryango yabo," niko uwo mupfasoni yavuze.

Taiwan ikoresha cane inzira y'indarayi mu kwunguruza abantu n'ibintu, abanyagihugu inusu y'umuliyoni bakaba bakoresha ubwo buryo iminsi yose.