Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Ndayishimiye avuga ko umuryango wa Buyoya ufise uburenganzira bwo kumushingura mu Burundi
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko uwahoze arongoye ico gihugu Petero Buyoya aherutse kwitaba Imana afise uburenganzira bwose bwo gushingurwa mu gihugu ciwe.
Ibi yabivugiye mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru hamwe n'abanyagihugu ku mugwa mukuru Gitega, inyuma y'amezi atandatu amaze ashikirijwe amabanga y'umukuru w'igihugu.
Inyuma y'aho asandabiye ahitanywe n'ikiza ca Covid-19, Petero Buyoya yashinguwe kuri uyu wa kabiri muri Mali aho yahora arangurira amabanga yiwe yo guserukira umuryango w'ubumwe bwibihugu vya Afrika muri ico gihugu no mu karere ka Sahel.
Muri ico kiganiro, Prezida yishuye no ku bindi bibazo bitari bike vyo mu bisata bitandukanye bijanye n'ubuzima bw'igihugu.
Abajijwe igituma reta ata kigandaro yatunganije mbere ntihagire n'ico ivuga ku rupfu rwa nyakwigendera Petero Buyoya kandi yahoze arongoye igihugu, Prezida Evariste Ndayishimiye yishuye ko ibijanye n'urupfu rwiwe vyega umuryango ubwawo, na rirya yaciriwe igihano.
Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko amategeko atamuha uburenganzira bwo gukorerwa ivyo abahoze ari abakuru b'ibihugu bategekanirizwa n'amategeko iyo bashengeye, kubera yamaze gucirirwa urubanza, reta igafata ko yari mu gihano.
Ati: "Amategeko y'igihugu aratomoye. None murigera mwumva uwupfunzwe aja gutora? Hari uburenganzira bwa politike aba afise? Iyaba yari abufise aba apfunzwe?''
"Uwakubiswe intahe mu gahanga aba apfunzwe, none hari ivyo reta iba itegerezwa kumukorera nk'uwahoze ari umukuru w'igihugu? Haba hasigaye umuryango".
Abajijwe nimba ibisigarira vya Petero Buyoya bishobora gutahanwa mu gihugu, Prezida Ndayishimiye yavuze ko ico kibazo yakivuganyeko n'umuryango wiwe kandi ko yabemereye neza ko ari uburenganzira bwabo bwo kumushingura mu gihugu.
Ati: "Umurundi wese afise uburenganzira bw'ugushingurwa aho ibisekuru vyiwe biri, arabifitiye uburenganzira".
Ubusumbasumbane hagati y'amoko mu mashirahamwe mpuzamakungu
Mu bibazo bindi bitari bike yabajijwe, harimwo ikibazo kijanye n'ugutorera inyishu ubusumbasumbane hagati y'amoko bwibonekeza mu mashirahamwe cane cane mpuzamakungu akorera mu Burundi, hamwe n'ayandi amwe amwe yo mu gihugu.
Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ari ikibazo kitoroshe, ko kidashobora gushoka gitorerwa umuti ubwo nyene uravye inkomoko yaco kuva muri kahise k'Uburundi, cane cane karanzwe n'amacakubiri y'amoko.
Ati:"Igihugu cari carabaye nk'akantu umwe wese yitorera uko ashaka kubera inzego z'igihugu wamengo nabo nyene umwe yaje yiyakirira akiwe ngo yigire".
Ati: "Rero muri ico gihe, abo bava hanze barashitse na bo baritunganiriza ivyabo kugira ngo na bo baronkeko akibare, ari co gituma baca babitunganya uko bavyumva kuko igihugu cari mu macakubiri".
Mu kwezi kw'icenda 2018, reta y'Uburundi yarahagaritse mu kiringo c'amezi atatu amashirahamwe mva makungu yakorera muri ico gihugu, asabwa kwiyandikisha bushasha, bimwe mu vyo yasabwa hakaba harimwo ukwerekana neza ingene azogenda atorera inyishu ikibazo c'ubusumbasumbane hagati y'amoko mu bakozi b'abarundi akoresha.
Prezida Ndayishimiye avuga ko reta imaze gufata ingingo yo kuyasubiramwo, hariho n'ayahisemwo gukura akarenge, akavuga ko yari yaje gusahura.
Ati: "Vyarantangaje cane kubona hari amashirahamwe yaciye ahitamwo kwugara, ni ukuvuga ko yihaye karangamuntu y'uko ari yo yarimwo amacakubiri mu Burundi".
Prezida Ndayishimiye avuga ariko y'uko hari ayemeye kwikosora maze aca ahabwa ikiringo, akavuga ko ubushikiranganji buyajejwe bugiye gutunganya vuba isuzuma kugira ngo barabe aho bagejeje.
Avuga ko n'amashirahamwe yo mu Burundi na yo nyene yakoze nk'ayo ya mpuzamakungu.
Hagati aho, aremera ko gutorera inyishu iki kibazo atari ic'umwanya muto, na rirya abayakoramwo baba bafitaniye amasezerano y'akazi (contrants).
Cari ikiganiro kigize kabiri agiriraniye n'abanmeneyshamakuru hamwe n'abanyagihugu ku bibazo bitari bike, nk'ivyerekeye ubutunzi, ubutungane, imigambi y'iterambere, intwaro ibereye, amagara y'abantu, umutekano, imigenderanire, n'ibindi bitari bike ku buzima bw'igihugu mu bisata bitandukanye.