Coronavirus: Papa asaba ko urucanco n'imiti bishikira bose kw'isi

Papa Francis yateye akamo abategetsi bo kw'isi ngo bafashe kugira abantu bose bashobore kuronka urucanco rwa coronavirus ata nzitizi.

Mw'ijambo rya Noheli yashikirije ku rubuga rwa internet ubwa mbere, Papa yagabishije kudashiraho "uruhome" kubakeneye imiti.

Ico kiza catumye ubutumwa bwa Urbi na Orbi budatangirwa ku rubaraza rwa Bazelike St Pierre ku bantu benshi, nk'uko vyari bimenyerewe.

Ahubwo Papa yatanze ubwo butumwa ari mu cumba i Vatikano.

Uko kugabisha kwa papa kuje inyuma y'amakenga y'ingene ibihugu bitunze bigura incanco zitagira uko zingana gusumba ibihugu bikenye.

Yavuze ati:"Ese umwana w'Imana yogarukana mu bategetsi ba politike n'amareta agatima ko gufashanya n'amakungu, bahereye ku magara y'abantu, kugira ngo bose boshobore gushikirwa n'urucanco hamwe n'imiti.

"Imbere y'iki kibazo kitagira imbibe, ntidushobora kwiyubakirako uruhome. Twese hamwe turi mu bwato bumwe."

Papa yavuze ko ingaruka y'iki kibazo c'amagara y'abantu zerekanye ko ubumwe bw'amakungu bukomeye cane.

"Muri iki gihe c'akahise, tugeramiwe n'ibibazo vy'ibidukikije hamwe n'ubusumbasumbane mu butunzi no mu mibano vyagiye kunyurwa n'ikiza coronavirus, birakenewe cane ko twemerana nka benewacu na bashiki bacu."

Papa yateye akamo ngo habe umutima wo gufasha no gushigikira abakozweko n'ico kiza, adoma urutoke cane cane ku bapfasoni bahohotewe muri iki gihe abantu bugaranywe.

Avuga ku zindi ngorane ziri kw'isi, yahamagariye abantu gukomeza ubumwe no gusubiza hamwe muri Syria, Yemen, Libya, Nagorno-Karabakh, Sudan y'epfo , Nigeria, Cameroun na Irak.

Vyitezwe ko azogira urugendo muri Irak mu kwezi kwa gatatu, urugendo rushobora kuba rubaye urwa mbere rwa Papa mu gihugu cazahajwe n'intambara.