Brexit: Boris Johnson arashima amasezerano y'ubudandaji hagati ya UK na EU

Ahavuye isanamu, DOWNING STREET
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, EU, n'Ubwongereza bashitse ku masezerano azogenga ubudandaji inyuma ya Brexit, aje kurangiza amezi yo kutumvikana ku burenganzira bwo kuroba n'amategeko agenga ubudandaji.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku biro iwe, Boris Johnson yagize ati:"Twasubiranye ubwigenge ku mategeko yaco hamwe na kazoza kacu."
Umushikiranganji wa mbere yongeyeko ko, n'aho ibiganiro "vyari bigoye" ari "amasezerano meza ku Buraya bwose" azotanga akazi n'iterambere.
Umukuru w'ishirahamwe rya Buraya Ursula Von der Leyen yavuze ko ari amasezerano "ata ho yegamiye".
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru I Bruxelles, umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Buraya yavuze ati:"Rwari urugendo rurerure rurimwo ibihuhusi ariko twaronse amasezerano meza twerekana.
"Ni nyayo, nta ho yegamiye, kandi n'ikintu ciza cari gikwiriye gukorwa ku mpande zose."
Yongeyeko ko ubu ari "igihe co kwibagira kahise tukaraba muri kazoza" kandi ko Ubwongereza "buguma ari ncuti nyakuri".
Yavuze ko hazoba ikiringo mfatakibanza c'imyaka itanu n'igice mu bakora mu gisata c'uburovyi.
Hanyuma imigenderanire izobandanya ku bibazo bijanye n'ihindukagurika ry'ibihe, amasoko ntanganguvu, umutekano hamwe no mu gutwara abantu n'ibintu.
Mw'itangazo, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere mu Bwongereza bigira biti:"Turagarukanye amahera yacu, imbibe, amategeko, ubudandaji hamwe n'amazi turobamwo,"
Risubiramwo icivugo ca Johnson co kwiyamamaza mu matora, ryongeyeko "Brexit iragiye mu bikorwa".
Johnson yashize kuri Twitter ifoto yiwe ariko aramwenyura, yashize intoke z'ibikumu hejuru.
Mu kiganiro yatanze, yavuze:"Turarangije amasezerano akomeye aciye imiriyaridi 668 y'amapawundi ku mwaka.
"Amasezerano yumvikana ameze nk'aya Canada hagati y'Ubwongereza na EU. Amasezerano azokingira ubuzi muri iki gihugu cose, azotuma ibidandazwa vyo mu Bwongereza bigurishwa ata makori, ata n'ibice bitanzwe kw'isoko rya Buraya.
"Amasezerano azoha uburenganzira amakompanyi gukorana n'ibihugu vy'incuti vy'i Buraya."










