Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kardinali Pell avuga ko ivyiyumviro vyiwe vy'uguharanira imico ya Ekleziya vyatumye yankwa
George Pell, umukardinali wo muri Australia yari yaciriwe gupfungwa kubera ivyaha vyo gushurashuza abana ariko aza kwezwa n'ubutungane muri uyu mwaka, avuga ko ivyiyumviro vyiwe vyo guharanira iyubahirizwa ry'imico ya gikristu vyatumye abantu bamwanka.
Uyu mukardinali w'imyaka 79 yabwiye BBC ko ata nkeka ko ukuvuga atarya umunwa hamwe n'ivyiyumviro vyiwe ku bibazo bitari bike, nk'ibijanye no gukorora inda, biri mu vyatumye haduka icuka kibi.
Uyu mu kardinali yahoze ari umunyabigega ku cicaro ca Papa i Vaticano avuga ko ibi vyiyumviro vyiwe vyerekana aho ahagaze adashobora kubisabira imbabazi.
Urubanza rwiwe rwarahungabanije Ekleziya Gatolika.
Uyu mu kardinali, yahoze ari umwe mu bahanuzi bakomeye ba Papa kandi akaba yagumye avuga ko ataco yiyagiriza, yagiye kuva i Vaticano mu 2017 asubira mu ntara yiwe y'amavuko ya Victoria kugira abandanya urubanza rwiwe mu butungane.
Mu kiganiro ca mbere ciwe cacishijwe mu binyamakuru mu Bwongereza, Kardinali Pell avuga ko adashobora gusaba imbabazi ku vyiyumviro vyiwe vyerekana aho ahagaze ku mico ya Ekleziya, ariko akaba yarasavye imbabazi "incuro nyinshi" ku vyaha vy'ugushurashuza abana vyakozwe n'abarongoye Ekleziya.
Yabwiye Radio 4 ya BBC ati: "Nibaza ko ikibabaje abantu benshi ari uko mvuga ntarya umunwa iyo ndiko ndarwanira inyigisho za Ekleziya".
"Ku bijanye n'aho mpagaze bishingiye ku kwemera kwanje, sinshobora kubisabira imbabazi".
Abajijwe ku bana bakorewe aya mabi n'ico yibaza ku ngaruka bishobora kubagirako mu buzima, Kardinali Pell avuga ko azi "neza umubabaro barimwo".
Avuga ko n'aho yababajwe n'ivyabaye muri Ekleziya, nta mutima wigeze usimba ngo arare adasinziriye.
Ati: "Ndababajwe n'umubabaro uri mu bantu benshi, ariko kandi ndishimiye utwigoro twagize muri Australia mu myaka irenga 25 - n'aho tudahagije nk'uko twategerezwa kungana".
Kardinali Pell agereranya ibihe yamaze mw'ibohero n'ivyo yamaze mw'iseminari, aho iyi myimenyerezo y'ukwitegurira ubupatiri yarangwamwo n'ibihe bigoye vy'agacerere n'ukwitandukanya n'abandi.
Kardinali Pell ni nde? Yapfunzwe n'iki?
Uyu mutegetsi muri Ekleziya Gatorika wo muri Australia, yaramenyekanye cane nk'uwuharanira imico ya Ekleziya Gatorika, akenshi akarwanya impinduka kandi agaharanira ubwerentegerwa bw'abapatiri;
Yatumweko i Roma mu 2014 kugira ngo atunganye ikigega ca Vaticano, akaba yafatwa nk'umutegetsi wa Ekleziya agira gatatu.
Yakuwe muri ayo mabanga mu 2017 kugira ngo yisigure ku vyaha vy'uko yafashe ku nguvu abaririmvyi babiri b'abahungu igihe yari Musenyeri mukuru wa Melbourne.
Mu kw'icumi na kabiri 2018, yaragiriwe n'ibi vyaha vyo gusambanya aba baririmvyi babiri b'abahungu bari bafise imyaka 13 mu myaka ya1990.
Niwe mutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru muri Ekleziya Gatorika yari yagiriwe n'iki caha.
Sentare yumvirije umugabo umwe yavuga ko ari we yari akiri muzima mu bakorewe ayo mabi. Hari ibindi vyabona bitari bike vyagiye bitanga ivyemezo.
Kardinali Pell yarunguruje urubanza muri sentare y'iyungururizo ya Victoria mu mwaka uheze, ariko abacamanza baranse kwisubirako.
Kubera iki urwo rubanza rwasambuwe?
Sentare nkuru ya Australia yarasambuye urwo rubanza mu kwa kane uno mwaka, ihagarika umunyororo w'imyaka itandatu yari yaciriwe.
Igihe yungururiza muri iyo sentare nkuru, uyu mutegetsi muri Ekleziya yavuze ko abacamanza bisunze ahanini ibirego vy'umwe mu bakorewe ivyo vyaha akiri muzima. Abamuburanira ntibashatse kubeshuza ivyo birego, ariko bakavuga ko bategerezwa kwiga n'ivyo bindi vyemezo .
Iyo sentare igizwe n'abantu indwi yahavuye imweza, mu ngingo yayo ikaba yavuze ko hari "ibindi vyemezo vyerekana ko uwagirizwa ashobora kuba atavyo yakoze".
Ico gihe, Kardinali Pell yavuze ko akarenganyo "gatorewe umuti" kandi ko ata nzigo afitiye uwamwagirije.
Yabonanye na Papa Francis mu kw'icumi, bukaba bwari bwo bwa mbere abonanye nawe kuva sentare imukuyeko ico caha.